Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza : Umushingamateka Jo Cox yishwe
Ubwongereza : Umushingamateka Jo Cox yishwe
vendredi 17 Ruheshi 2016, par
Mu gihugu c’Ubwongereza, umushingamateka w’ico gihugu azwi kw’izina rya Jo Cox yarishwe arashwe kuri uwu wa kane.
Uwo mukenyezi w’imyaka 41 asize abana babiri, yari azwi nk’uwuvugira impunzi z’abanyesiriya kandi yari ateye kubiri n’umugambi w’uko Ubwongereza buva mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya.
VOA ivuga ko ababonye igihe uwo mushingamateka yicwa bavuga ko uwamwisheyateye akaruru avuga amajambo yo mu congereza asobanurwa ngo “Ubwongereza buza ubwa mbere”, mu nyuma abona kurasa, akurikiza kumucumita n’imbugita.
- Umushingamateka Jo Cox w’imyaka 41
Umushingamateka Jo Cox yishwe mu gihe hari hasigaye indwi imwe gusa kugira abanyagihugu b’ico gihugu bemeze canke bahakane ko Ubwongereza bwova mu muryango w’ubumwe bwa Buraya.
Igipolisi c’ubwongereza kimenyesha ko amatohoza yatanguye, nayo abategetsi ba Reta bakaba babaye barabangira kwemeza ko ubwo bwicanyi bwoba bufise imvo za poritike. Umuntu umwe niwe yahagaritswe ku mvo z’amatohoza.
Kuva iryo bara riguye, yaba abashigikiye canke abadashigikiye ko Ubwongereza buva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya baciye bahagarika ibikorwa vyo kwiyamamariza ayo matora.
IGIHE
Messages
17 Ruheshi 2016, 13:00, par habarugira
nibakore amatohoza cmufate ahanwe hisunzwe amategeko kuko abicanyi barwiriye kwisi abarongoye ibihugu bose barakwiye kuzana igihano cogupfa kumuntu afarwe yishe uwundi kuko ubu uwukurengangije ugize uvuge avuga ngo ndakwica hama ngende pfurwe ariko nawe ube wapfuye
17 Ruheshi 2016, 13:30, par emeramutwavwe
nuwo nawe nyene ngira ni Nkurunziza yamurashe.
17 Ruheshi 2016, 16:34, par Minani
Eeeee Mubwongereza Naho Bibaho Iyobiba Muburundi Habahavuzwe Vyishi Amahoro Nu Mutekano Nibintu Bibiri Bitandandukanye,muburundi Turi Mumahoro Birashika Umutekano Ungahungabana Nkahandi Hose
17 Ruheshi 2016, 16:43, par Nyandwi
Nihatari Ubwicanyi Ntahobutari Nugusenga
17 Ruheshi 2016, 20:50
Emwe Akari Mu Mpene Nikokarino Mu Ntama,nagirango Biri Iwacu Honye,MERE,RIP
17 Ruheshi 2016, 21:00, par METHODE
IYO UMUNTU AZZE UKUR TUMWTA INCUNG NA JO COX NAWE NIYITWE INCUNG YAGOMBAGA GUKIZ BENSH MUBWONEREZ
18 Ruheshi 2016, 01:58, par Mpozamarira Erias
Turahojeje ubwongereza,hamwe numuryango wanyakwingendera bihangane mwisi ntamahoro.
19 Ruheshi 2016, 08:53, par jean
Ya miryango yiyamirira ubwicanyi Muri Africa ko itavuze ko ari problem politique
21 Ruheshi 2016, 05:47, par nzovu
Imana imwakire
itera bwoba ntajambo rizigera rigira kw isi
Ba sindumuja ntaho batari