IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza : Umushingamateka Jo Cox yishwe

Ubwongereza : Umushingamateka Jo Cox yishwe

vendredi 17 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihugu c’Ubwongereza, umushingamateka w’ico gihugu azwi kw’izina rya Jo Cox yarishwe arashwe kuri uwu wa kane.

Uwo mukenyezi w’imyaka 41 asize abana babiri, yari azwi nk’uwuvugira impunzi z’abanyesiriya kandi yari ateye kubiri n’umugambi w’uko Ubwongereza buva mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Buraya.

VOA ivuga ko ababonye igihe uwo mushingamateka yicwa bavuga ko uwamwisheyateye akaruru avuga amajambo yo mu congereza asobanurwa ngo “Ubwongereza buza ubwa mbere”, mu nyuma abona kurasa, akurikiza kumucumita n’imbugita.

JPEG - 34.6 ko
Umushingamateka Jo Cox w’imyaka 41

Umushingamateka Jo Cox yishwe mu gihe hari hasigaye indwi imwe gusa kugira abanyagihugu b’ico gihugu bemeze canke bahakane ko Ubwongereza bwova mu muryango w’ubumwe bwa Buraya.

Igipolisi c’ubwongereza kimenyesha ko amatohoza yatanguye, nayo abategetsi ba Reta bakaba babaye barabangira kwemeza ko ubwo bwicanyi bwoba bufise imvo za poritike. Umuntu umwe niwe yahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Kuva iryo bara riguye, yaba abashigikiye canke abadashigikiye ko Ubwongereza buva mu muryango w’ubumwe bwa Buraya baciye bahagarika ibikorwa vyo kwiyamamariza ayo matora.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.