IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuntu yaheruka kubura ubuhungiro mu Budagi yiturikirijeko igisasu

Umuntu yaheruka kubura ubuhungiro mu Budagi yiturikirijeko igisasu

lundi 25 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu bumanuko bw’Ubudagi, abategetsi bavuga ko umwiyahuze yiturikirijeko igisase mu kabare, gikomeretsa abantu 12, batatu muribo bakaba babaye cane.

Bivugwa ko uwo muntu yamuka muri Syria, yari yabuze ubuhungiro mu Budagi mu mwaka uheze.

BBC ivuga ko ico gisasu caturikijwe mu gisagara ca Ansbach, iruhande y’aho batambira umuziki hazwi cane muri ako karere. Abantu barenga 2000 bavanywe muri ico kibanza.

Umuhari wa Islamic State yerekanye kuri Video uwakoze ico gitero mu Budagi, bimwe mu bibanza navyo vy’aho i Ansbach bikaba bikikujwe n’abajejwe umutekano. Ni igitero kigira gatatu kibaye i Bavaria, mu kiringo c’indwi imwe.

Ku musi wa gatanu, abantu icenda baritavye Imana mu gitero c’inkoho mu gisagara ca Munich, no mu minsi mike iheze, umusore yitwaje inkota n’ishoka yaragize igitero mw’igari ya moshi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.