IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Espagne : Abasirikare b’ishirahamwe OTAN bahitanywe n’isanganya (...)

Espagne : Abasirikare b’ishirahamwe OTAN bahitanywe n’isanganya ry’indege

mardi 27 Nzero 2015

Umushikiranganji w’ukwivuna abansi b’igihugu c’Ubufaransa aritezwe mu gihugu ca Espagne, inyuma y’aho abasirikare icenda b’ico gihugu bagiriye isanganya, bagaca bitaba Imana.

Mu myimenyerezo yariko ibera mu gihugu c’Ubudagi ihuza abasirikare bo mw’ishirahamwe OTAN ryo kurwaniriza umwansi hamwe, abasirikare bagera kuri 20 bakaba bakomeretse muri abo cumi n’umwe ni abatariyano, icenda abafaransa nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi wo mu gihugu ca Espagne, bose bakaba bababaye cane. Mu bari muri iyo ndege rero, cumi n’umwe bamaze kwitaba Imana harimwo icenda b’abafaransa n’ababiri b’abagiriki.

Iyo ndege yo mu bwoko bwa kajugujugu F-16, ikaba yagize isanganya mu gihe yariko irururuka, ku kibuga c’imyimenyerezo ya gisirikare ca Los Llanos mu ntara ya Albacete, iri ku birometero 250 mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Madrid.

Amatohoza rero akaba yatanguye kugira hamenyekane icatumye iyo ndege yo mu bwoko bwa F-16 ihitana ubuzima bw’abo basirikare.


Aristide Nizigire

Messages

  • Iyo nkuru irababaje ariko irakwiye gutosorwa. Imyimenyerezo yabera muri Espagne. Iyo ndege ya F16 si kajugijugu kuko n’ubwoko bwa chasseur(fighter),hama yarimwo(ijamwo) aba soda babiri babagiriki. Abandi yabaye bubagweko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.