Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umushikiranganji wa mbere wa Rumaniya aragirizwa kunyuruza amakori
 Umushikiranganji wa mbere wa Rumaniya aragirizwa kunyuruza amakori
 Umushikiranganji wa mbere wa Rumaniya aragirizwa kunyuruza amakori
				
				lundi 13 Mukakaro 2015
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Rumaniya Victor Ponta akurikiranwa n’ubutungane yagirizwa kunyuruza amakori.
Ubucamanza mu gihugu ca Rumaniya bagirije umushikiranganji wa mbere , Victor Ponta, ku bifitaniye isano n’iperereza ku vyaha vyo kwiba amakori no kwiyegeraniriza amafaranga biciye inyuma y’amategeko.
Ivyo yagirizwa bifitaniye isano n’akazi yakoze ari umunyamategeko imbere yo kuba umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Rumaniya.
Abacamanza bavuga ko bafashe ubutunzi bwa Ponta imbere yo kurindira ibizova mu rubanza.
Ponta yatanze imihoho ku burongozi bw’umugambwe Social Democratic kuw’Imana ariko avuga ko azakobandanya gukora nk’umushikiranganji wa mbere.
Van Naris Mugisha

Messages
13 Mukakaro 2015, 19:29, par Gérard
Karabay!narinziko ivyobiri muburundigusa.non iryotungaryanyurujwringanagut?
13 Mukakaro 2015, 21:43, par Scott
Uburundi ntabutungane dufise nabinzara gusa.