Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya
 Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya
 Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya
				
				dimanche 13 Nzero 2013
Umusirikare w’umufaransa yiciwe muri Somaliya,uw undi ntawuzi irengero ryiwe i nyuma y’igikorwa co kubohoza umufaransa yafashwe.
Umushikiranganji  wo kwivuna abansi mu gihugu c’u Bufaransa, Jean-Yves Le Drian, yavuze ko abasirikare badasanzwe b’abafaransa ico gikorwa kitaboroheye kandi n’uwo mufaransa yafashwe mpiri  ngo ashobora kuba yishwe n’ivyihebe vyari bimufise.
Yavuze kandi ko abarwanyi b’intagondwa z’abayislamu 17 nabo bapfuye.
Umugwi w’intagondwa za Al-Shabab watangaje ko uwo mugabo yari yagiye kutata   akiri muzima kandi ko hari umusirikare w’umufaransa ari mu maboko yawo.
Abanyagihugu baba i Bulo Marer, mu maja epfo ya Somaliya bamenyesheje ko  ukuntu abasirikare b’abanyamahanga baje mu ndage ya  kajugujugu yahagaze ku gisenge c’inzu yakoreshwa  n’intagondwa z’abayisilamu.
Bavuga kandi ko abanyagihugu bane barimwo umugore yibungenze bashobora kuba bahasize ubuzima igihe intambara zariko ziraba.
Pierre Claver Niyonkuru
