IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umutekano ku ngoro ya Barack OBAMA wasubiriye kumera neza

Umutekano ku ngoro ya Barack OBAMA wasubiriye kumera neza

samedi 21 Rusama 2016, par egide

Ingingo y’ukwugara amayira yose yegereye ingoro y’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Maison Blanche, yakuweho, inyuma y’amasasu yumvikanye mu micungararo y’iyo nyubakwa.

Iyo ngingo yari yafashwe inyuma y’aho abajejwe gucungera umukuru w’igihugu Barack OBAMA bahagarikiye, kuri rumwe mu bwinjiro bucunzwe, umuntu yikekwa ko afise ikirwanisho.

Isaha imwe inyuma y’uko ivyo bitangajwe, abajejwe guncugera ubuzima bwa Barack OBAMA bashize ubutumwa ku rubuga ngurukanabumenyi, buvuga ko umutekano ari wose.

Abategetsi bajejwe ivyerekeye umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu batangaje ko uwo muntu yahagaritswe kuri uwu wa gatanu, afatanwe ikirwanisho, ku bwinjiriro bwa Maison Blanche, ingoro y’umukuru w’igihugu, i Washington DC. Uwo muntu yarafashwe abanje kuraswa n’abajejwe umutekano wa Barack OBAMA, ariko ingene amerewe gushika ubu bikaba bitaramenyekana.


IGIHE

Messages

  • ISIYOSE YUZUYEMWO INTAMBARA NOKUKIRIMBA KWA OBAMA BARAHARASIRA EMW NAKAMARAMAZA

  • igihe burundi.bamugerageza mwandike ikirundi gitahuritse!

  • iyobiba aringaha muburundi watsapp ibayabiciye bugacika, barungika ibihuha!!

  • Ehee! No Kwa OBAMA Habera Ububisha Nkubwo? Isi yose nihagurukire rero Inkozi Zikibi.

  • A bon !ko obama akundwa none bamutera kuberiki? azikurungika intumwa Tomas perielo hasi hejuru ngo habe ibiganiro muburundi,natwe tugira turungike umugwi wo gutohoza abobicanyi bashaka kumugandagura kukirimba ciwe,hama bagiranire ibiganiro.Mbe ndababaze haraho murumva kukirimba i bujumbura hari uwahahangaye? Obama we!warinjiranywe ntavyuzi kandi mwigira abahinga,uburundi buzaguhumira wabuhangara ubona bucugenda kuryintete!

  • A bon !ko obama akundwa none bamutera kuberiki? azikurungika intumwa Tomas perielo hasi hejuru ngo habe ibiganiro muburundi,natwe tugira turungike umugwi wo gutohoza abobicanyi bashaka kumugandagura kukirimba ciwe,hama bagiranire ibiganiro.Mbe ndababaze haraho murumva kukirimba i bujumbura hari uwahahangaye? Obama we!warinjiranywe ntavyuzi kandi mwigira abahinga,uburundi buzaguhumira wabuhangara ubona bucugenda kuryintete!

  • ahubwo iyo mureka bakamumena umutwe!mb mu misi iheze ko yaguma aturwaniriza mutama wacu twitorey petero Nkurunziza,jeho narinziko atawomwubahuka?abazungu nibabi ntawobizera

  • None barinze kumurasa kugira bamufate kandi barize ubuhinga bwo gufata umuntu ata maraso asesetse. Barabaza MBONIMPA abereke ukwo bigenda.

  • Obama a te gérezwa kuja mubi gani ro nabo badahuj ivyiyunviro kand umuhuza ni nkurunziza

  • Ako kagabo iyo bagakurako izosi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.