Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umutekano ku ngoro ya Barack OBAMA wasubiriye kumera neza
Umutekano ku ngoro ya Barack OBAMA wasubiriye kumera neza
samedi 21 Rusama 2016, par
Ingingo y’ukwugara amayira yose yegereye ingoro y’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Maison Blanche, yakuweho, inyuma y’amasasu yumvikanye mu micungararo y’iyo nyubakwa.
Iyo ngingo yari yafashwe inyuma y’aho abajejwe gucungera umukuru w’igihugu Barack OBAMA bahagarikiye, kuri rumwe mu bwinjiro bucunzwe, umuntu yikekwa ko afise ikirwanisho.
Isaha imwe inyuma y’uko ivyo bitangajwe, abajejwe guncugera ubuzima bwa Barack OBAMA bashize ubutumwa ku rubuga ngurukanabumenyi, buvuga ko umutekano ari wose.
Abategetsi bajejwe ivyerekeye umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu batangaje ko uwo muntu yahagaritswe kuri uwu wa gatanu, afatanwe ikirwanisho, ku bwinjiriro bwa Maison Blanche, ingoro y’umukuru w’igihugu, i Washington DC. Uwo muntu yarafashwe abanje kuraswa n’abajejwe umutekano wa Barack OBAMA, ariko ingene amerewe gushika ubu bikaba bitaramenyekana.
IGIHE
Messages
21 Rusama 2016, 12:39, par MUYAHUDI
ISIYOSE YUZUYEMWO INTAMBARA NOKUKIRIMBA KWA OBAMA BARAHARASIRA EMW NAKAMARAMAZA
21 Rusama 2016, 12:44, par oscar
igihe burundi.bamugerageza mwandike ikirundi gitahuritse!
21 Rusama 2016, 15:13, par jean
iyobiba aringaha muburundi watsapp ibayabiciye bugacika, barungika ibihuha!!
21 Rusama 2016, 17:19, par Amani
Ehee! No Kwa OBAMA Habera Ububisha Nkubwo? Isi yose nihagurukire rero Inkozi Zikibi.
21 Rusama 2016, 17:57, par CAKIRA
A bon !ko obama akundwa none bamutera kuberiki? azikurungika intumwa Tomas perielo hasi hejuru ngo habe ibiganiro muburundi,natwe tugira turungike umugwi wo gutohoza abobicanyi bashaka kumugandagura kukirimba ciwe,hama bagiranire ibiganiro.Mbe ndababaze haraho murumva kukirimba i bujumbura hari uwahahangaye? Obama we!warinjiranywe ntavyuzi kandi mwigira abahinga,uburundi buzaguhumira wabuhangara ubona bucugenda kuryintete!
21 Rusama 2016, 17:58, par CAKIRA
A bon !ko obama akundwa none bamutera kuberiki? azikurungika intumwa Tomas perielo hasi hejuru ngo habe ibiganiro muburundi,natwe tugira turungike umugwi wo gutohoza abobicanyi bashaka kumugandagura kukirimba ciwe,hama bagiranire ibiganiro.Mbe ndababaze haraho murumva kukirimba i bujumbura hari uwahahangaye? Obama we!warinjiranywe ntavyuzi kandi mwigira abahinga,uburundi buzaguhumira wabuhangara ubona bucugenda kuryintete!
22 Rusama 2016, 06:16, par N.Z
ahubwo iyo mureka bakamumena umutwe!mb mu misi iheze ko yaguma aturwaniriza mutama wacu twitorey petero Nkurunziza,jeho narinziko atawomwubahuka?abazungu nibabi ntawobizera
23 Rusama 2016, 11:42, par dudu
None barinze kumurasa kugira bamufate kandi barize ubuhinga bwo gufata umuntu ata maraso asesetse. Barabaza MBONIMPA abereke ukwo bigenda.
26 Rusama 2016, 08:34, par nkunda
Obama a te gérezwa kuja mubi gani ro nabo badahuj ivyiyunviro kand umuhuza ni nkurunziza
27 Rusama 2016, 06:54, par Morodikayi Jon
Ako kagabo iyo bagakurako izosi.