Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuyobozi wa Volkswagen yatanze imihoho
 Umuyobozi wa Volkswagen yatanze imihoho
 Umuyobozi wa Volkswagen yatanze imihoho
				
				jeudi 24 Nyakanga 2015
Umukuru w’ihinguriro rikora imiduga mu gihugu c’Ubudagi Volkswagen Martin Winterkorn yatanze imihoho,inyuma y’iminsi itatu,hamenyekanye ko iryo hinguriro ryabeshe ku rugero rw’ivyuka imodoka zaryo zikoresha igitoro ca Mazutu zisohora mu kirere.
Martin Winterkorn yavuze ko ihinguriro Volkswagen rikeneye intango nshasha,kandi ko ateguye ikibuga co gutangurirako abicishije mu gutanga imihoho.
Naho yatanze imihoho,Martin Winterkorn yavuze ko we ubwiwe atovyagirizwa kuko ataco yari abiziko kuri ubwo buhinga bwo kumenya urugero rw’ivyuka imodoka zishika imiriyoni 11 ry’ihinguriro Volkswagen zikoresha.
Martin Winterkorn yavuze ko yizeye ko inyishu kuri ico kibazo zizotangwa mu muco,ariko ubuyobozi bwa Volkswagen bumenyesha ko hashobora kuba ingaruka mu gihe kiza ku bakozi b’ihinguriro.
Bitegekanijwe ko umuyobozi mushasha w’ihinguriro Volkswagen amenyekana kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2015.
Van Naris Mugisha
