Accueil > Amakuru > Mu makungu > Urugendo rwa mbere rwa Francois Hollande mu Bushinwa
 Urugendo rwa mbere rwa Francois Hollande mu Bushinwa
 Urugendo rwa mbere rwa Francois Hollande mu Bushinwa
				
				jeudi 25 Ndamukiza 2013
Francois Hollande yafashe urugendo rumujana mu gihugu c’Ubushinwa, mu gisagara ca Pekin, mu gatondo ko kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2013. Azohamarayo imisi ibiri, bukaba kandi bwabaye ubwa mbere ahashitse kuva atwara igihugu c’Ubufaransa.
Yari yagiye aherekejwe n’abashikiranganji umunani  n’abayobozi  b’amashirahamwe bashika mirongo itanu.
Igihe yahashika, yakiriwe na Wang Yi, umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu. N’aho muri urwo rugendo Francois Hollande ariko aragira mu Bushinwa rumara amasaha make, kubw’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa , ni urugendo ngirakamaro kubw’imigenderanire iri hagati y’Ubufaransa n’Ubushinwa.
Urwo rugendo rufise intumbero zibiri : Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yaraje gukomeza ubucuti n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri na cane cane mu bijanye n’ubutunzi.
Imbere y’uko Francois Hollande avugana n’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa   Xi Jinping, yabanje kugendera Ihinguriro ryubatswe haraciye imyaka ine, i Pekin,  n’ishirahamwe ry’abafaransa, Bernard Controls.
Inyuma y’umutaga niho rero ahava abonana na mugenzi we aho bahava bavugana kuvyerekeye ubutunzi. Ubufaransa bukaba bukiri inyuma mu migenderanire igiriranira na Pekin kubijanye n’ivy’ubutunzi ugereranije n’ibindi bihugu vya buraya. Bikagaragara ko Ubushinwa butanga k”ubufaransa amafaranga agera ku miriyaridi 26 z’amanyaburaya. Francois Hollande agasaba ko hoba igabanuka ry’amafaranga abura ku bijanye n’ivy’ubutunzi.
Muri uryo rugendo, Ubufaransa bukaba bwiteze gushira igikumu ku masezerano atari make ku bijanye n’ibisata vyerekana iterambere ry’imibereho y’abashinwa, iterambere rirama mu gisata c’uburimyi, c’amagara y’abantu canke n’ubutunzi buteye imbere. Francois Hollande akaba arondera kandi guteza imbere urudanzwa mu mahinguriro matomato.
Umufaransa Renault asanzwe akora imiduga azoca aboneraho akaryo ko gukora burundu ku mugaragaro, yunze ubumwe n’umufasha, ihinguriro ry’abashinwa Dongfeng rizoshobora gukora imiduga igera kuri 150 000 ku mwaka. Si ivyo gusa. Ni vyinshi bikirindiriwe gushirwako umukono hagati y’ Ubufuransa n’Ubushinwa.
Mariella Bukuru

