Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Igitero mw’ishengero ry’abirabure cahitanye abantu 9
 USA: Igitero mw’ishengero ry’abirabure cahitanye abantu 9
 USA: Igitero mw’ishengero ry’abirabure cahitanye abantu 9
				
				jeudi 18 Ruheshi 2015
Abantu 9 nibo bahitanywe n’igitero cabaye mu rusengero Emanuel African Methodist Episcopal Church rusengeramwo abirabure,mu gisagara ca Charleston,muri Reta ya Caroline yo mu bumanuko,muw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 17 Ruheshi,2015.
Amakuru ava mw’itororokanirizo ry’abafaransa AFP,ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro mu masaha yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Igipolisi kibicishije ku rubuga rwaco rwa Twitter,camenyesheje ko uwikekwa gukora ubwo bwicanyi ari umuzungu afise imyaka yababa 21 y’amavuko,ariko ko yahunze, igipolisi kirabandanya kumurondera.
Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru,umukuru w’igipolisi Gregory Mullen ,yavuze ko ibiziga 8 arivyo babonye muri uro rusengero.Akavuga ko ubwo bwicanyi bwoba bufatiye ku bugizi bwa nabi bufatiye ku rukoba.

Messages
18 Ruheshi 2015, 19:52, par DONATIEN
IMANA YAREMYE UMUNTU NIYOYAMUHAYE URUKOBA AMARASOY’ UMUNTU ARAHUMA UWAYASHESHE WESE NTAMAHORO AZIGERA ARONKA KIRETSE ASAVYE IMANA IMBABAZI.
19 Ruheshi 2015, 07:39, par Hamisi
Amerika Nayo Vyoba Boko Bahiga Abirabure Nguwabikoze Yahunze Nukubesha.Nuko Yishe Umwirabure.