IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uwahoze ari umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yoba yaronse uwundi (...)

Uwahoze ari umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa yoba yaronse uwundi mugabo

mardi 15 Ndamukiza 2014

Uwahoze ari umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’ubufaransa Valérie Trieweiler yoba yaronse uwundi mukunzi amuhoza amarira, mu gihe yaraheruka gutandukana na François Hollande.

Nk’uko aya makuru ariko araca mu binyamakuru bitandukanye vyo kw’isi abivuga, Valérie Trieweiler yahora ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’ Ubufaransa ameze neza , mbere amakuru amwe amwe avuga ko yoba yararonse uwundi mukunzi, uwo nawe akaba ari umunyamerika asanzwe akora ivy’ubuhinga bwa none bita umu’’ informaticien’’.
Nk’uko amakuru yavuye mu kinyamakuru ‘’magazine people français’’ cerekanye amafoto, uwo yahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, ari kumwe n’uwundi mugabo ku kibuga c’indege c’i New York kuwa 4 ndamukiza.

Ayo makuru avuga ko bari kumwe n’umunyamerika azwi kw’izina rya Hani Yakan, uwo nawe akaba afise imyaka 52 ,bari bahuye na Valérie mu gihe yari yagiye kugendera impunzi z’abanyasiriya ziri mu gihugu ca Libani mu kwezi kwa Munyonyo, umwaka uheze. Bakaba baciye bafatana gahunda, kuva rero aho uwo mupfasoni bavaniye n’umushingantahe wiwe François Hollande, ibintu vyaciye bishuha.

Uwo mukunzi wa Valérie mushasha, uwo yahoze ari umutambukanyi wa Hollande yoba yaranamusanze mu gihugu c’Ubufaransa, igihe yari ahimbaza isabukuru ryiwe kuwa 16 Ruhuhuma umwaka wa 2014, iyinga zike gusa Valérie na Hollande bavanye.

Floxella Karire

Messages

  • Ni nk’abo ba Président nyene b’imaraya hama bakaguma k’ubutegetsi,buriya harageze namba hatarenze ko tutemera gutwarwa n’imburakimazi z’Abasambanyi kw’Isi yoooooooose kuko jewe mbon’umenga n’ihiganwa mubaduserukira,kandi Umwer’uv’ibukuru ugakwir’igihugu cose na Micomibi yama gusambana mubwiza!Emwe iyo ngwara niyakera,boshaka boyiheba kuko vyarataye garanti
    Bigeze ku BARUNDI ho umenga n’ihiganwa uwutemera gusambana bamucir’umukenke,Ex.nka Patiri Claude MWIRANGO rya KAYANZA yateshej’Umwigeme yitwa NDAYISABA Claudine ishure rya 12STB iryo s’ibara kand’akagum’asengesha! bitebe bitebuke ivyakorew’ahikinze bizogaragara.

  • bareke bikinire ikinamico barafise amahera yo gukora ivyo bashaka...

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.