Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uwakoze ikirwanisho Kalachnikov yaryamiye ukuboko kw’abagabo
 Uwakoze ikirwanisho Kalachnikov yaryamiye ukuboko kw’abagabo
 Uwakoze ikirwanisho Kalachnikov yaryamiye ukuboko kw’abagabo
				
				mardi 24 Kigarama 2013
Mikhaïl Kalashnikov umuhinga yakoze inkoho bita Kalashnikov yaritavye Imana ku myaka 94 y’amavuko mu gisagara avukamwo ca Izhevsk kiri mu gihugu c’Uburusiya, akaba ashengeye, mu gihe ikirwanisho yakoze kizwi kw’izina ryiwe cari kimaze guhitana isinzi ry’abantu.
Mikhaïl Kalachnikov yavutse mu mwaka w’1919 i Kouria mu Bumanuko bw’igihugu c’Uburusiya. Akaba ariwe yaremye inkoho ya AK-47 kalachnikov, inkoho ivugwa kuba ariyo imaze kwica abantu benshi ugereranije n’izindi. Igihe yagendesha ikirwanisho bita Char, yararashwe aho hakaba hari mu mwaka w’1941, aho yaciye yiyumvira gucapa ikirwanisho gito, gishobora gufasha guhangana n’umwansi. Mu mwaka w’1947 ibicapo vy’ico kirwanisho bica birashikanwa mu buhinguriro.
Izina rya Kalachnikov rero rikaba ryarabaye rurangiranwa kw’isi yose, aho ico kirwanisho bavuga ko kw’isi yose coba kigeze ku gitigiri c’imiriyoni ibihumbi ijana. Eka mbere kikaba ikirwanisho gito, kinakoreshwa n’imirwi itandukanye y’abantu kw’isi, harimwo abajejwe umutekano, abagira ivy’iterabwoba, abasuma, imirwi uhungabanya umutekano mu turere dutandukanye eka n’abandi bantu.
Aristide Nizigire
