Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vatikano : Abaguye i Dhaka bakora mu buja
 Vatikano : Abaguye i Dhaka bakora mu buja
 Vatikano : Abaguye i Dhaka bakora mu buja
				
				jeudi 2 Rusama 2013
Umwungere wa ekleziya Gatolika Papa Francisco, yavuze ko abakozi baguye mw’ihinguriro ry’impuzu i Dhaka muri Bangladesh mu ndwi iheze bakora mu buja.
Mu misa asanzwe asoma mu gitondo i Vatikano, Papa yavuze ko yababajwe cane n’umurongo utangura inkuru y’ikinyamakuru, uwo nawo wavuga ko abo bakozi bahembwa ama dolari mirongo itanu gusa ku kwezi.
Papa yavuze ko guharanira inyungu gusa hako woronsa abantu umushahara ubatunga, bihushanye n’ivyo Imana ishaka.
Mu nyuma, mw’ijambo yashikirije abaje gushengera ikibanza ca Petero Mweranda, yahamagariye abanye politike b’i Buraya, gukora ivyo bashoboye vyose bakagwiza akazi.
Ibi yabivuze mu gihe hari umwidogo mwinshi utewe n’uko ubushomeri bubandanya kwiyongera mu bihugu nk’Ubutariyano, Espagne n’Ubugiriki.
Aristide Nizigire
