Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Amagara ya Hugo Chavez arageramiwe
 Venezuela: Amagara ya Hugo Chavez arageramiwe
 Venezuela: Amagara ya Hugo Chavez arageramiwe
				
				mardi 5 Ntwarante 2013
Umukuru w’igihugu ca Venezuela yasubiriye kugira iyindi “ngwara ikomeye” mu gihe yari yabazwe incuro nyinshi bivuye ku ngwara ya cancer. Ivyo n’ivyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru.
Hugo Chavez amaze igihe kirekire ataboneka no kumbonesha kure. Inyuma yaho hari haciye amezi mezi bavuga amagara ya Hugo Chavez, ubu Leta ya Venezuela yamenyesheje ibidahumuriza.
 
- Ernesto Villegas, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru
"Ubu, bigaragara ko yasubiye kugira iyindi ngwara ikomeye”. Bikaba vyatangajwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya kane Ntwarante 2013 na Ernesto Villegas, umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru. Mbere ubu bikaba biriko biravugwa mu bimenyeshamakuru vyose vyo muri Venezuela ko umukuru w’igihugu ariko aravurigwa mu bitaro vy’igisirikare vya Caracas.
Nubwo batavuga cane ivyamagara yiwe ya Hugo Chavez, Leta ya Venezuela yaremeje kenshi ko nubwo uwo mukuru w’igihugu atamerewe neza, abandanya yitaho ivyakazoza k’igihugu kandi ko idashobora guhagarika ibivugwa ku magara yiwe.
Inyuma yaho habereye iyindi myiyerekano kuri uyu w’Imana, umushikiranganji wo gutumatumatumanako amakuru yaragabishije kandi kuri uyu wambere, intumbero ama laboratuwari yo mu bindi bihugu nayo muri Venezuela nyene afise yo gutegura intambara itera imidugararo bitwaje ko bashigikiwe nabo hanze. Yarihanikirije kandi inyifato y’uburyarya y’abansi ba Hugo Chavez mu kumushakira inabi no mu kumutyoza bamuvuga n’ukutariko kubijanye n’amagara yiwe kugira bahungabanye Igihugu.
Abo batavuga rumwe na Leta barasaba ko ukuri kwoja ahabona kuvyerekeranya n’amagara ya Hugo Chavez.
Mariella Bukuru

