Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Chavez Hugo yatahutse mu gihugu
 Venezuela: Chavez Hugo yatahutse mu gihugu
 Venezuela: Chavez Hugo yatahutse mu gihugu
				
				mardi 19 Ruhuhuma 2013
Umukuru w’igihugu ca Venezuela, Chavez Hugo yatangaje ko yatahutse mu gihugu ciwe inyuma y’iminsi yaramaze arwariye muri Cuba. Ivyo akaba yabimenyesheje aciye kuri Twitter.
Amakuru duhabwa na BBC avuga ko Chavez yagize ati: « Twasubiriye gushika mu gihugu catwibarutse ca Venezuela, Imana ishimwe ngiye kubandaniriza gufata imiti ng’aha mu gihugu».Chavez yari amaze iminsi itari mike muri Cuba aho yakozwe ku ndwara ya Cancer ubugira kane mu mezi cumi n’umunani.
Haraheze iminsi itatu Leta ya Venezuela yari yashize ahabona amafoto ya Chavez yicaye mu gitanda ariko arasoma ikinyamakauru Ivyo bikaba vyarahaye umwizero abatari bake. Hugo Chavez yashitse ku butegetsi mu mwaka w’ 1989 .
Marie Claire Ingabire
