Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Umukuru w’igihugu yitavye Imana
 Venezuela: Umukuru w’igihugu  yitavye Imana
 Venezuela: Umukuru w’igihugu  yitavye Imana
				
				mercredi 6 Ntwarante 2013
President w’igihugu ca Venezuela, Hugo Chavez, yar’afise imyaka 58, yaraye yitavye umuremyi.
Yitavye umuremyi inyuma y’igihe kirekire yamaze ahanganye n’ingwara ya Cancer afise imyaka 58.
Vice president Nicolas Maduro yatangaje inkuru y’urupfu rwa Chavez ejo ku musi wa kabiri. Yarateye akamo abanyaVenezuela, kwigumya no kugira umwete, yongera arabasaba gufatana mu nda, kugira ngo bashobore kurangura iragi ry’umutegetsi wabo kizigenza.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Elias Jaua, yamenyesheje kw’igihugu cose kigiye kumwunamira mu gihe c’imisi indwi. Yavuze kw’umushingantahe Chavez azoba arashinguwe mu cubahiro c’umukuru w’igihugu, kw’ishule rya gisirikare, imbere y’uko haba ibirori vyo kumufuba ku musi wa gatanu.
President Chavez yaramaze igihe avurirwa mu gihugu ca Cuba ingwara ya Cancer, imbere y’uko atahukanwa ku murwa mukuru Caracas mu kwezi guheze.
Abategetsi bavuga ko yagize infection ikomeye, inyuma y’aho afatiye imiti ya Cancer bita Kimoterapie ari mu bitaro vya gisirikare ku murwa mukuru Caracas.
Umushingantahe Chavez yar’afise ingwara ya Cancer yo musi y’umukondo
Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, ntiyari bwasubire kuja ahabona kandi ntiyari yagiye mu birori vyo gusubira kurongora igihugu mu kindi kiringo mu kwezi kwa mbere, inyuma aho atsindiye amatora.
Vice president Maduro yarareze ibihugu vyansi vya Venezuela, kw’arivyo vyamuroze ingwara ya Cancer; Yamara ntiyatomoye ngo avuge ukuntu vyagenze.
Jean de Dieu Munyembabazi



Messages
6 Ntwarante 2013, 02:51, par yamuremye
urupfu rwiwe rwambabaje cane rwose apfuye akiri muto yaragifise ico yomariye isi n’igihugu ciwe ndibaza,Imana imwakire kandi imubabarire kubitagenze neza mubuzima bwiwe.Tuze turemera ko ubuzima bufise itangiriro hamwe niherezo.