Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vyemejwe ko ibisigarira vyatowe mw’izinga Reunion arivyo indege (...)
 Vyemejwe ko ibisigarira vyatowe mw’izinga Reunion arivyo indege MH370
 Vyemejwe ko ibisigarira vyatowe mw’izinga Reunion arivyo indege MH370
				
				vendredi 4 Nyakanga 2015
Abahinga bakoze ubushakashatsi kw’ibaba ry’indege ryatowe mw’izinga rya Reunion bameje ko iryo baba ari iryo indege MH370 y’ikompanyi Malaysia Airlines yazimiye mu kwezi kwa gatatu 2014,abantu 239 bari muri yo baburirwa irengero.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona na parike y’i Paris,iro tangazo rimenyesha ko inyuma y’ubushakashatsi bwakozwe butuma bemeza neza ko igisigarira catowe kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro 2015,ari ico indege MH370.
Umucamanza ajejwe amatohoza ari kumwe n’umuhinga mu bijanye n’indege bavuze ko bafatiye ku vyashikirijwe n’umuhinga w’ishirahamwe rikora iyo ndege,ata nkeka ivyo bisigarira iri ivyo indege MH 370 yahitanye abafaransa 4.
Naho hatowe ibisigarira,abahinga benshi bavuga ko bigoye kuvuga uko ibintu vyagenze gushika aho iyo ndege izimira,bakavuga kandi ko kuba ico gisigarira conyene catowe ata cizere kinini kihari co kumenya uko ibintu vyagenze.
Van Naris Mugisha
