Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yahambwe abona kubera ubushurashuzi
 Yahambwe abona kubera ubushurashuzi
 Yahambwe abona kubera ubushurashuzi
				
				samedi 8 Ruheshi 2013
Antos Ramos w’imyaka 17 y’amavuko, abanyagihugu bo muri Bolivia ahitwa Colquechaca bamushinguye abona kubera ikosa yakoze ryo gusambanya umugore gushika yaho yitaba Imana.
Amakuru dukesha ikinyamakuru The Sun co mu Bwongereza, avuga ko aba banyagihugu  bo muri Bolivia ahitwa Colquechaca bafashe  Ramos bamushira mu mva bashinguyemwo umugore wo muri ako gace yitwa Leandra Janco yitavye Imana kubera gufatwa ku nguvu n’uyo musore  Ramos.
Abantu bagera kugitigiri ca 200 bari ku kigandaro  c’uyo mugore yishwe inyuma yo gufatwa ku nguvu.
Bamaze kubona uburemere bw’ikosa uyo musore w’imyaka 17 y’amavuko yakoze, baciye bafata ingingo yo kumushingura agihema ndetse bamugereka hejuru y’isandugu y’umuhisi Leandra Janco, bahejeje barapfuka, ikigandaro kirabandanya.
 
- aho yahambwe abona
Igipolisi kibimenye ko hari umuntu yashinguwe ari muzima, caragerageje gutabara ariko vyabaye ivy’ubusa kuko abanyagihugu bugaye ibarabara kugira abapolisi ntibashobore kuhashika aho bashinguye uyo musore, ngo bamutabare.
 
- bamwe mu bamuhamvye
Mu gihugu ca Bolivia gisanzwe kiri muri America y’Epfo, hari amakosa umuntu akora nko kwica, canke guhohotera agateka ka kiremwa muntu n’ubusuma. Ayo makosa rero kenshi iyo uyakoze ugafatwa, ushobora kwicwa uguterwa amabuye gushika upfe, canke kandi ugahambwa ubona.
Joel Sengurebe
