Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mugabe : Umugambwe ZANU-PF ntuzopfa usubiye inyuma"
 Mugabe : Umugambwe ZANU-PF ntuzopfa usubiye inyuma"
 Mugabe : Umugambwe ZANU-PF ntuzopfa usubiye inyuma"
				
				lundi 12 Myandagaro 2013
Robert Mugabe uherutse kwongera gutorwa kurongora Zimbabwe, yavuze ko abantu bihitiyemwo ico bipfuza bakoresheje intwaro rusangi.Yavuze ko umugambwe wiwe ZANU-PF, utazosubira inyuma.
Mw’ijambo ryiwe rya mbere inyuma y’ayo matora, Mugabe yahakanye ibivugwa n’uruhande rutavuga rumwe na Leta, y’uko yivye amajwi. Yababwiye ko niba badashaka kwemera ivyavuye muri ayo matora, bahitamwo kuja kwimanika. Mugabe yavuze ko hatozongera kuba gusangira ubutegetsi nk’uko vyagenze inyuma y’amatora yaranzwe nakajagari yo mu 2008.
Moragan Tsvangirayi,arongoye MDC, utavuga rumwe na Leta, yansekuja mu birori vyo kwibuka umunsi w’intwari aho Mugabe yavugiye iryo jambo. Tsvangirai aja ahejeje gushikana muri sentareibirego bigaragaza ubukozi bw’ikibi bwakozwe muri ayo matora. Mugabe akaba yaronse amajwi arenga 60%. Sentare ikaba yahaye Morgan Tsvangirai indwi zibiri kugira ibe yashize ahabona amatohoza yayo ku vyo yagiriza Mugabe.
Ukwo bimeze kwose biragaragara ko ivyo Morgan Tsvangirai avuga atagaciro bizohabwa kuko benshi mu bagize iyo sentare bakaba bashigikiye Mugabe.
Aristide Nizigire
