Umuririmvyikazi Celine Dion ahejeje gutangaza ko ahagaritse ibikorwa vyiwe vyose kugira yiteho abana biwe ghamwe n’umugabo wiwe aherutse kubarwa. Asaba imbabazi abakunzi biwe ku biteramo bitandukanye yari yateguye. Iyo nkuru ije ibeshuza iyigeze kuvugwa ko Celine Dion agira yahukane.
Ku rubuga rwa facebook rwa Celine Dion handitsweko ibi bikwirikira:" Inyuma yo gufata agacerere akabaza umutima n’ubwenge, Celine Dion yafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa vyose vyiwe mu kiringo (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi mu makungu
Abaririmvyi mu makungu
-
Ahagaritse ibikorwa vyiwe kugira yiteho umugabo wiwe
14 Myandagaro 2014 -
Amasezerano yo kwubakana y’amananiza yoba agira yahukanishe Beyonce na Jay Z
18 Ruheshi 2014Urugo rwa Beyonce na Jay Z twarababwiye ko ruriko rwakamwo umucanwa wo kubahukanisha. Twarababwiye kandi imvo 3 zitatu ziriko zituma abo bagira agatima ko kuvana. Imwe muri zo yoba ari amasezerano y’amananiza bahanye imbere y’uko bubakana.
Amakuru dukura mu kinyamakuru 7sur7, avuga ko imbere y’uko abaririmvyi Jay Z na Beyonce bubakana baragiranye amasezerano aremeye nk’amabuye. Mu ntango y’amasezerano, Beyonce bafashe ko yoba afise agaciro k’imiriyoni 100 y’amadorari. Inyuma y’imyaka 15 (...) -
Umuririmvyi aryosha ibirori vyo kwugurura inkino zo muri Bresil yamenyekanye
12 Ruheshi 2014Ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA ryatangaje ko umuririmvyi Jennifer Lopez aza kuririmba mu birori vyo kwugurura inkino zitangura uno munsi muri Bresil. Bivuzwe inyuma y’amakuru yari yatangaje ko uwo muririmvyi atazokwitaba ivyo birori.
Nta nkeka Jennifer Lopez araza kuririmba mu birori vyo kwugura inkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru zibera muri Bresil. Ibirori bitangura igihe c’isaha cumi na zibiri kw’isaha mpuzamakungu, JLO aririmba "We are One" ari kumwe na Pitbull, (...) -
Umukobwa wa R Kelly ashaka abaganga bomufasha akaba umuhungu
11 Ruheshi 2014Umukobwa w’umuririmvyi R. Kelly arahana ko atari umukobwa, wewe yiyita umuhungu kandi ashaka kurondera n’abaganga bomufasha kuba umuhungu bwite. Izina yaramaze kurihindura, eka na nyina wiwe aramushigikiye.
Se na nyina bamwise Jaya ariko yaramaze guhindura izina yiyita Jay, afise imyaka 13. Uwo mukobwa wa R Kelly na Andrea yanditse ku muhora wa Instagram ko nyina Andrea yamaze kubimwemerera. Nyina yamubwiye ati : "Mwananje urazi ko ndagukunda akadasohoka, uzokora ico ushaka, ushatse uzoja mu (...) -
Ibiteramo vy’abarundi muri Amerika biguma bimenyekanisha Uburundi
14 Ntwarante 2014Abarundi iyo bari mu makungu baguma bateza imbere umuziki bongera bamenyekanisha Uburundi nk’abahinga baririmba. Hirya no hino kw’isi tuguma turonka ubutumwa bw’abo baririmvyi batubwira ko ibintu bimeze neza ku bijanye no kwikora mu gahogo. Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika haherutse kubera igiteramo c’agakura cakozwe n’abaririmvyi b’abarundi.
Aho muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abarundi b’abaririmvyi bariyo barabica bigacika mu biteramo bagirisha. Ubuheruka hari kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante (...)