Kidum yahavuye ava mu Rwanda ataronkejwe amahera Frankie Joe yamusigariyeko, ariko yasize ahaye ibirego umushingwamanza amufasha kuburana. Frankie Joe yandikiye Kidum ko naho ivyo bibaye azoguma amwubaha kandi amufata nk’uwamuboneye izuba, Kidum ati : "Ndaguhariye".
Kidum yategerezwa kuva mu gihugu c’Urwanda kuw’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante, asubira muri Kenya, ariko kubera impari yagiranye na Frankie Joe vyatumye asiba urugendo. Kidum rero yahavuye afata urwo rugendo ku mugoroba (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu
Kidumu
-
Kidum na Frankie bavuga ko batoteranywa n’amahera kandi urubanza ruri mu butungane
1er Ndamukiza 2015 -
Kidum yerekana ko abavuga ko yarongowe n’inzoga ari abamwanka (vidéo)
24 Ruhuhuma 2015Kidum yasohoye "vidéo" aho abandanya abeshuza amakuru yaciye ku kinyamakuru Daily Post co muri Kenya, avuga ko yarongowe n’inzoga. Asaba abakunzi biwe kuhagabira kuko abo ari abo yita abanyenzigo, agasaba Imana ko yobaharira.
Umutwe wa "vidéo" Kidum yashize ahabona handitse :" Nta ngorane mfise z’ibiyayura mutwe canke z’inzoga". Mu kiganiro yatanze ku nsamirizi INDUNDI isamiranira muri Amerika yavuze ko abo bavuga ivyo ari abamwanka bashaka gucafuza izina ryiwe. Ati : "Amagara yanje yifashwe (...) -
Kidum arasigura igituma adahava yitaba igiteramo Primus Guma Guma Super Star III
27 Mukakaro 2013Umuririmvyi Kidum, ari muri bane bari batowe ngo bahave batanga amanota mw’ihiganwa Primus Guma Guma Super Star III ryo mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko adahava yitaba igiteramo gitegekanijwe kuri uyu wa gatandatu, aho bahava bashira ahabona urutonde rw’abaririmvyi batanu babandanya iryo higanwa.
Kidum yategerezwa kuba ari mu batanga amanota ku nyifato n’imyambaro y’abaririmvyi batanu, araba ari mu kindi giteramo gikomeye gihava kibera ku kibuga c’umupira ca Kinoru, i Meru muri Kenya. Ico (...) -
Kidumu : “Kuvuga ukuri ntaho bihuriye no gusuzugura abanyagihugu”
23 Mukakaro 2013Ku bimaze iminsi bivurwa ko umuririmvyi w’umurundi Kidumu Kibido Kibuganizo yoba anebagura kandi agasuzugura umuziki w’abarundi, yagize ico abivuga ko mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa 22 Mukakaro uyu mwaka w’2013.
Kidumu avuga ko intango ya vyose, ari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’igiteramo c’umuririmvyi w’umutanzaniya Ally Kiba, mu gihe yari abajijwe ukwo abona umuziki wo mu Burundi. Kidumu avuga ko yoba yatahuwe nabi kuko yavuze ko abaririmvyi b’abarundi (...) -
Kidumu yateye akamo Leta y’Uburundi ku kibazo c’ihagarikwa ry’ama karaoke
3 Mukakaro 2013Ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri w’igenekerezo rya 2 Mukakaro 2013, umuririmvyi Kidumu yaremesheje ikiganiro n’abamenyeshamakuru hano mu gihugu c’Uburundi mu ntumbero yo gutera akamo Leta ku kibazo c’ihagarikwa ry’amakaraoke kuko abona ko afise akamaro gakomeye haba kubruhande rwa Leta n’abanyagihugu.
Muri ico kiganiro cabereye kuri Stars Hotel I Bujumbura, Kidumu yasobanuriye abamenyeshamakuru akamaro ka karaoke, aho yagize ati: “Amakoraoke kuyahagarika n’uguhagarika ubuzima bw’abantu benshi (...) -
Kidumu ariyamiriza abantu bamucafuza baciye k’umuhora wiwe wa facebook
14 Rusama 2013Umuririmvyi Kidumu Kibido Kibuganizo, ariyamiriza abamaze iminsi bakoresha umurongo wiwe wo kubuhinga ngurukanabumenyi facebook mu gushirako ibintu bitagira umutwe n’amaguru.
Umuririmvyi Kidumu asanzwe aba mu gihugu ca Kenya aho ndetse arangurira n’ibikorwa vyiwe bitandukanye, avuga ko abantu bashirako ivyo bintu ari abagomba kumwononera izina ryiwe na cane cane ko ari umuririmvyi azwi cane mu karere ndetse no kw’isi yose.
Kidumu amenyesha kandi ko Facebook yiwe atayikorerako ibibonetse (...)