Ubushikiranganji bw’ubutungane bwatanze uburenganzira bw’ugukora ku mugaragaro kw’ishirahamwe "FONDATION FEMI DE J’ABAT" ry’umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Félicien batazira Femi De J’Abat asanzwe aba mu gihugu ca Norvège. Ubwo burenganzira bwatanzwe inyuma y’aho uwo muririmvyi atanguje igikorwa c’ukwandika umuziki w’Uburundi mu gitabu (Encyclopedie de la musique burundaise).
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat
Marechal Femi De J’Abat
-
"Fondation Femi De J’Abat" yemerewe gukora ku mugaragaro. Hagiye gukurikira iki?
30 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA -
Femi De J’Abat yasiguye ubutumwa buri mu ruririmbo "Umunyenga" ruriko ruvugwako vyinshi
12 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANAWoba uri muri benshi badatahura ubutumwa buri mu ruririmbo « Umunyenga » rwa Nsengiyumva Minani Felicien batazira Marechal Femi de j’Abat ? Iyo ndirimo iheruka gusubirwamwo yakunzwe cane n’abantu benshi haba mu Burundi canke hanze y’igihugu. Woba hari ikibazo ufise kuri iyo ndirimbo ? Twashimye kubaronderera umuririmvyi Femi de J’Abat kugira atange umuco ku kibazo c’ubutumwa buri muri iyo ndirimbo. Uwo muririmvyi avuga ko ariko arategura amasanama (Clip) y’urwo ruririmbo, mukaba muzoshobora kuyabona vuba.
-
Umuririmvyi Femi De J’Abat yateguye igiteramo c’ukugarukira kuri bantahonikora
4 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANANSENGIYUMVA MINANI Felicien benshi bazi kw’izina rya Femi De J’Abat yateguye igiteramo c’agakura kizobera mu gisagara ca Charleroi mu gihugu c’Ububirigi. Nk’uko bishikirizwa n’uwo muririmvyi, intumbero y’ico giteramo akaba ari iyo kwegeranya uburyo buzofasha bantahonikora b’Abarundi bo mu bwoko bw’abatwa barwaye umugera wa SIDA.
-
Isale : Imiryango amajana atatu y’abatwa yahawe imfashanyo na VONECOVIC
13 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANAImiryango y’abatwa yo muma zone atatu yo muri komine Isale mu ntara ya Bujumbura yahawe imfashanyo n’umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Felicien, biciye mw’ishirahamwe VONECOVIC risanzwe rigarukira kuri abo banyagihugu ba ntahonikora.
Iyo mfashanyo yatanzwe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016 yashikirijwe imiryango hafi amajana atatu yo muma zone ya Nyambuye, Benga hamwe na Rushubi. Igizwe n’imashine zitatu zo gushona (abatwa bo muri zone imwe yose bakazoronswa imashine imwe), (...) -
Umuririmvyi Femi De J’Abat yasanze abarimyi ku kivi
7 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANAAbanyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa bafashwa n’ishirahamwe VONECOVIC (Voix Neutre Contre La Violence et Injustice à travers les Chansons) aho bari ku kivi, bakiriye umushitsi bari basanzwe bamenyereye. Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien benshi bazi kw’izina rya Femi De J’Abat, mu rugendo arimwo mu Burundi, yishikiye kuraba itongo ry’ishirahamwe VONECOVIC ririmwa n’abo banyagihugu.
Iryo tongo riri muri zone Maramvya, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura rural. (...) -
Umuririmvyi Femi De J’Abat n’imfura yiwe bitezwe i Bujumbura
26 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANAAbakera barayamaze bati : " Amazi arashuha ariko ntiyibagira i bumbeho, kandi "inkware itora ku musozi agatima kari mu mwonga." Umuririmvyi MINANI Nsengiyumva Félicien benshi bazi kw’izina rya Femi De J’Abat yitezwe mu Burundi igihugu ciwe c’amavukiro, akaba azananye n’umukobwa wiwe w’imfura, nawe nyene yatoranye umwuga wa se w’ukuririmba.
Nk’uko amakuru dukura ku muhora wa Facebook w’uwo muririmvyi abivuga, Femi De J’Abat kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ruheshi 2016 azoba ari mu gihugu (...) -
Femi De J’abat: "Abategetsi bakwiye kwicara ku ntebe y’ishuri bige intwaro rusangi"
6 Rusama 2015Umuririmvyi Minani Felicien yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD-FDD, ararajwe ishinga n’Uburundi bugira busubire kurwa mw’isanga. Abona ko vyose biva ku bumenyi buke bw’abategetsi. Asaba kandi ibiganiro.
Femi De J’abat atangura yandika igisabisho aho asaba Imana ifashe Uburundi, yandika ati:" MANA FASHA IGIHUGU CACU NTIKIRWE KANDI MW’ISANGANYA. "Ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha". Ndasavye Uburundi bwacu bureke gusha tubona, bene Burundi bareke gupfa no guhunga mu gihugu kirimwo (...) -
Umuririmvyi Femi de J’Abat yandikiye urwandiko nkora mutima abashaka ku mwica
10 Ntwarante 2015Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien yandika amenyesha ko hari abantu bashaka kumwica. Avuga ko abo bashaka agatwe kiwe bashobora kutakoronka kandi naho yopfa ukuri avuga kuzoguma kwumvikana. Ati:"Ukuri kugoye kwumva ni ko kuri ko kwumvwa".
Nsengiyumva Minani Félicien azwi kw’izina rya Marechal Femi de J’Abat yandika ku rubuga rwiwe rwa facebook, atangura yandika uyu mugani:"ABANTU BICA ISAKE ARIKO NTIBICA ICO YABITSE". Femi abandanya ati:"Abipfuza bose umutwe wanje abaribo bose, nagira (...) -
Mubimbi : Amakarata y’ukwivurizako yatanzwe n’umuririmvyi Félicien Nsengiyumva
4 Ruhuhuma 2015Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien yatanze imfashanyo yo kugarukira ku buzima bw’abanyagihugu bagwiriyemwo abatwa bo muri Komine Mubimbi. Nk’uko ishirahamwe VONECOVIC arimwo rimaze imyaka ribikora, ni mu ntumbero yo kugarukira kuri ba ntahonikora, cane cane abatwa.
Imfashanyo y’amakarata yo kwivurizako (Carte d’Assurance Maladies) agera kw’ijana, yaguzwe n’umuririmvyi avuka mu ntara ya Bujumbura Rural, ariko aba mu gihugu ca Norvege. Félicien canke Femi de J’Abat yarungitse iyo mfashanyo (...) -
Umuririmvyi Femi de J’Abat agira agaruke mu Burundi
11 Mukakaro 2014Amakuru dukesha umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien batazira Marechal Femi de j’Abat amenyesha ko azoshika mu Burundi ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 16 Mukakaro 2014, avuye mu gihugu ca Norvege aho asanzwe aba n’umuryango wiwe.
Ikinyamakuru IGIHE caganiriye nawe iyaba muri Norvege kimubaza ibijanye n’urugendo agiye kugira mu Burundi aho yaheruka umwaka uheze, akaba yatwishuye ati : "Nzoba nje ahanini mu buruhuko mu gihugu canje c’amavukiro nkunda cane". Twashatse kumenya namba hari (...)