IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > "Fondation Femi De J’Abat" yemerewe gukora ku mugaragaro. Hagiye gukurikira (...)

"Fondation Femi De J’Abat" yemerewe gukora ku mugaragaro. Hagiye gukurikira iki?

vendredi 30 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Iryo shirahamwe "FONDATION FEMI DE J’ABAT" ryoba rifitaniye isano n’iyandikwa ry’ico gitabu? Urwo ruhusha rufasha iki muri ico gikorwa catangujwe n’uwo muririmvyi wa "Kuba kw’isi n’ukwitonda, Umunyenga, n’izindi ndirimbo zakunzwe. Kuri ivyo bibazo vyose, umuririmvyi Femi De J’Abat yatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru.

IGIHE : Kuva uvuye mu Burundi mu rugendo wahoramwo gutanguza iyandikwa ry’igitabu kivuga umuziki w’Uburundi, hibonekeje agacerere, bamwe n’abandi bakaba bari batanguye kwiyumvira ko igikorwa watanguje caburijwemwo. Ako gacerere koba katewe n’iki?

Femi De J’Abat : Murakoze kuri ico kibazo. Nivyo hari haciye agacerere gatoyi ico gikorwa kitumvikana mu bimenyeshamakuru canke ku maradiyo, ariko ntibisigurako twicaye ataco turiko turakora. Hari ibikorwa bitari bike biriko birakorwa hirya no hino mu gihugu canke mu mahanga bijanye n’iyandkwa ry’ico gitabu bidakeneweko twama twabimenyeshe umwanya wose. Ku boba nabo biyumvira ko ico gikorwa twatanguje caburijwemwo, nagira ndabahumurize ko atarivyo, eka mbere nako gacerere ni ibisanzwe cane. Twebwe dushira imbere ibikorwa kandi kira noneho ikivi turiko turaduza hazogera igihe abantu bacibonera tutiriwe turanabivuga bivanye n’ingene kigenda kirantera intambwe kija imbere.

IGIHE : Twaronse amakuru avuga ko ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Uburundi bwemeye ku mugaragaro ibikorwa vya "FONDATION FEMI DE J’ABAT". Iyo "Fondation" izofasha iki? Hari isano ifitaniye n’ibikorwa vy’ukwandika umuziki w’Uburundi mu gitabu?

Femi De J’Abat : Nivyo Ubushikiranganji bw’Ubutungane bw’Uburundi bwaremeye ku mugaragaro biciye imbere y’amategeko ibikorwa vya "Fondation FEMIDEJABAT ". Izofasha ibitari bike mw’iterambere ry’igihugu cacu na cane cane mu bijanye n’uguhimiriza guha agaciro umuziki w’Uburundi, guteza imbere hamwe n’ugukurikirana abakiri bato mu kubafasha kwubahiriza ibikorwa mvabwenge vy’abandi, guhimiriza hamwe n’uguhamagarira urwaruka rw’Abarundi kwitegurira imigambi y’iterambere, kumenyekanisha umuziki w’Uburundi biciye mu kwandika hamwe n’ugushira ahabona igitabu kivuga uwo muziki w’Uburundi, gushigikira amashirahamwe hamwe n’amahuriro akorera mu gisata c’uguteza imbere umuziki w’Uburundi, guharanira iy’ubahirizwa ry’ibikorwa mvabwenge mu ntumbero y’ugukingira umuziki w’Uburundi, hamwe n’ugutanga uko umwaka utashe agashimwe kitiriwe "FEMI DE J’ABAT" kazohabwa umuntu azoba yitanze kurusha abandi mu kumenyekanisha umuziki w’Uburundi, mu gukunda igihugu no mu gukomeza amahoro.

Isano rero riri hagati ya "Fondation FEMI DE J’ABAT" n’iyandikwa ry’ico gitabu, ni kumenyekanisha umuziki w’Uburundi biciye mu kwandika hamwe n’ugushira ahabona igitabu kivuga uwo muziki w’Uburundi.

IGIHE : Hagiye gukurikira iki? Ryari?

Ibikorwa vy’iyandikwa ry’ico gitabu biriko birabandanya icese nk’uko twabitegekanije. Ariko nk’uko nari nabivuze mbere, twebwe twipfuza ko ibikorwa turimwo tutoza turabivuga vyose uko turiko turabitunganya canke tubirangura kubera imvo zitandukanye. Mugabo ivyo tuzobona vyose ko bikenewe kubimenyesha Abarundi eka n’abandi bose bipfuza kumenya uko vyifashe nta nkeka tuzobikora.

IGIHE : Hari ikiringo wihaye kugira ico gikorwa kizobe casozerewe?

Femi De J’Abat : Bitugendekeye neza, twipfuza ko mu myaka 2 ico gitabu twoba tukirangije.

IGIHE : Mu rugendo wahoramwo mu Burundi utanguza ico gitabu, hari intambamyi woba warabonye zohava zituma udashika kw’ihangiro wihaye?

Femi De J’Abat : Intambamyi n’ubwo ntashimye kuzidondagura ntizigera zibura ku kintu cose ciza kiza kigirira akamaro igihugu n’Abenegihugu, tutibagiye n’abanyamahanga. Abansi b’ineza aribo Abarundi twita ba Rwankineza bamaho ivyo ntawovyirengagiza. Ariko rero nta ntambamyi n’imwe turavye ishaka dufise muri ico gikorwa twibaza ko izotubuza gushika kuco twiyemeje, na canecane ko muri ico gitabu dushira Imana imbere yo itanga ingabirano nziza ku baririmvyi b’Uburundi bazokijamwo baba abari mu gihugu canke mu mahanga. Kuba Reta y’Uburundi nayo idushigikiye muri ico gikorwa biratanga icizere ko bizogenda neza. Turafise kandi n’umurwi w’Abarundi bafise ubumenyi n’ingabirano zitandukanye bagize urunani rwo gushigikira iyandikwa ry’ico gitabu. Uwo murwi mu rurimi rw’ikinyamazuru witwa "Team de soutien ".

IGIHE : Hari akaririmbo kawe wotura Abarundi bakunda indirimbo zawe, muri iyo minsi turiko twitegurira umunsi mukuru wa Pasika?

Femi De J’Abat : Akaririmbo ndabatuye : "Kuba kw’isi ni ukwitonda "

Umviriza aho munsi akaririmbo "Kuba kw’isi ni ukwitonda"


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.