IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Isale : Imiryango amajana atatu y’abatwa yahawe imfashanyo na (...)

Isale : Imiryango amajana atatu y’abatwa yahawe imfashanyo na VONECOVIC

mercredi 13 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Imiryango y’abatwa yo muma zone atatu yo muri komine Isale mu ntara ya Bujumbura yahawe imfashanyo n’umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Felicien, biciye mw’ishirahamwe VONECOVIC risanzwe rigarukira kuri abo banyagihugu ba ntahonikora.

Iyo mfashanyo yatanzwe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 13 Mukakaro 2016 yashikirijwe imiryango hafi amajana atatu yo muma zone ya Nyambuye, Benga hamwe na Rushubi. Igizwe n’imashine zitatu zo gushona (abatwa bo muri zone imwe yose bakazoronswa imashine imwe), terefone ngendanya zitatu zahawe abatwara ayo mazone uko ari batatu, hamwe na terefone ngendanwa imwe yo mu buhinga bwa none (Androide) yahawe umunyeshure wo mu bwoko bw’abatwa ageze mu mwaka wa nyuma w’amashure ya Kaminuza. Umuririmvyi NSENGIYUMVA MINANI Felicien batazira FEMI De J’Abat akaba yasiguye ko uwo munyeshure yahawe iyo terefone kugira mw’ishirahamwe VONECOVIC batere intege n’abandi bana bo mu bwoko bw’abatwa bijukire amashure. Uwo munyeshure akaba kandi yahawe ibahasha y’amafaranga ibihumbi mirongo itanu na bitanu vy’amarundi, azomufasha mu kugura agakaramu.

Iyo mfashanyo y’shirahamwe VONECOVIC (Voix Neutre Contre La Violence et Injustice à travers les Chansons) ryatangujwe n’uwo muririmvyi yari igizwe kandi n’ibikombe 324, amasahani 324, amasafuriya 160, amakaramu 400, hamwe n’amakaye 1056. Ivyo vyose bikaba bifise agaciro k’amafaranga hafi imiriyoni zibiri z’amarundi, nk’uko vyamenyeshejwe na Femi De J’Abat.

JPEG - 1.2 Mo
Umuririmvyi Femi De J’Abat (hagati), ari kumwe na Gilbert NIYONKURU, Musitanteri wa Komine Isale (i bubamfu), hamwe n’umukenguzamateka Pascal NTAHONZIGAMIYE

Nk’imvukira ya komine Isale, uwo muririmvyi asigaye aba mu gihugu ca Norvege, ariko akaba ari mu karuhuko mu Burundi, yatanze kandi ku gatwe kiwe imfashanyo kuri komine Isale, iyo nayo ikaba igizwe na "Mixeur" ngendanwa iri kumwe n’ivyangombwa vyayo vyose, igitabu c’ukwandikamwo ibikorwa vyateguwe (Agenda) hamwe n’amakaramu 400. Iyo mfashanyo yashikirijwe komine Isale nayo ikaba ifise agaciro k’amafaranga arenga gato umuriyoni umwe w’amarundi, nk’uko vyamenyeshejwe nyene na NSENGIYUMVA MINANI Felicien.

Musitanteri wa komine Isale, Gilbert NIYONKURU yashimiye iyo mvukira ya komine arongoye, agasaba n’abandi bavukantara kuza baribuka guteza imbere iyo bakomoka.

JPEG - 1.1 Mo
Gilbert NIYONKURU, Musitanteri wa komine Isale

IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.