IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Umuririmvyi Femi De J’Abat yateguye igiteramo c’ukugarukira kuri (...)

Umuririmvyi Femi De J’Abat yateguye igiteramo c’ukugarukira kuri bantahonikora

mardi 4 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ico giteramo kizobera ahitwa Rue Arthur Decoux Numero 118 B 6200 Dampremy Charleroi mu gihugu c’Ububirigi kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2017, kuva isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Marechal Femi De J’Abat arafise akamo atera Abarundi baba ku mugabane wa Buraya hamwe n’ahandi. Abahamagarira kugira umutima w’urukundo, bitabe ari benshi ico giteramo.

Muri ico giteramo, "Cuisine-Boucherie Saveur d’Afrique" niyo izofasha abazoba baje muri ico giteramo mu bijanye n’ibifungurwa hamwe n’ibinyobwa ku giciro kibereye.

"Abazokwitaba ico giteramo bamenye ko amahera bazoriha mu kwinjira bazoba bafashije bamwe muri benewacu bantahonikora ba Batwa twifuza gufasha barwaye umugera wa Sida. Nubwo yoba umutwa umwe wenyene dufashije birafise agaciro kanini kuri we, ku muryango wiwe eka no ku gihugu catwibarutse tutibagiye no kuri twebwe nyene."

Uwo muririmvyi asanzwe aba mu gihugu ca Norvege amenyesha ko inyuma y’ico giteramo, hazoba ibirori vy’ugutamba bizomara ijoro ryose, mbere kakazoba n’akaryo ku baririmvyi b’Abarundi baba mu mahanga bizoba vyashobokeye kuhashika ko guhura, mu ntumbero yo gukora ishirahamwe ribahuza ryobafasha guhuriza hamwe ivyiyumviro vyotuma bateza imbere umuziki w’igihugu cabo mu makungu.

Umuririmvyi Femi De J’Abat amenyeshaka kandi ko abaririmvyi b’Abarundi bazoba bitavye ico giteramo bazokwigira hamwe ingene bazoza barabonana, bikenewe bakarangurira hamwe n’imigambi y’iterambere ku neza yabo n’igihugu cabibarutse.

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien yatumenyeshejeko abaze kuganira n’abandi baririmvyi b’Abarundi batari bake baba mu bihugu bitandukanye bamwemereye ko bazoja hamwe n’abandi muriryo shirahamwe ribahuza rizoba rije hageze.

Ico giteramo kidasanzwe kizokwitabwa kandi n’umurwi w’abavuza ingoma bazwi kw’izina rya "SAMURARWA" bari kumwe na "LES COLOMBES", umurwi w’abatamba imvyino z’ikirundi.

Hategekanijwe kandi na TOMBOLA ku bana bato n’abakuze, izoba irimwo ibintu bitandukanye harimwo na CD & DVD z’umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien.

Muri ico giteramo, kwinjira ni amafaranga y’amanyaburaya icumi rimwe ku bakuze, abana bakazokwinjira ku buntu. Amatike azogurirwa ku bwinjiriro bw’ahazobera igiteramo. Uwogira ico akenera kubaza, yokwakura abariko batunganya ico giteramo, abo nabo bakaba banditswe ku gicapo ndangabirori kiri aho munsi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.