Bamwe mu baririmvyi b’Abarundi bari mu mahanga bariko bagira ico bashikirije ku nyifato itabereye Sat-B na Patient Matabaro berekanye igihe barwana. G-Marl arababazwa n’abaririmvyi barwana bapfa ubusa, aho kurwanisha ivyuyumviro vyobateza imbere bigateza imbere n’ababumviriza.
Umuririmvyi G-Marl Jamal ari mu gihugu ca Australiya arababazwa n’imishamirano iza iribonekeza hatati y’abaririmvyi b’Abarundi. Aha atanga akarorero ka hafi aho Sat-B yatana mu mitwe na mugenzi Patient Matabaro. G-Marl ati (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > G-Marl Jamal
G-Marl Jamal
-
Bamwe mu baririmvyi bari mu mahanga baranegura bagenzi babo barwana
5 Rusama 2014 -
Umuririmvyi G-Marl ati :"Hard Life" : Ubuzima bugoye
17 Ndamukiza 2014«Umuririmvyi» G-Marl Jamal yasohoye ururirimbo ruvuga uko ubuzima bumeze, arwita "Hard Life". Mwibuke ko uwo muririmvyi ari umurundi abica bigacika mu muziki iyo ari muri Australiya.
Umviriza ururirimbo"Hard Life". -
Rachdar Abubakar Giraneza aba muri Australiya ni nde?
4 Ntwarante 2014Rachdar Abubakar Giraneza batazira Skinny G ni umuririmvyi yavukiye mu ntara ya Muyinga mu kwezi kwa Gitugutu igenekerezo rya 27, umwaka w’1993. Afise imyaka 12 yaciye aja kuba mu buseruko bw’igihugu ca Australiya. Aho yigiye imyuga itari mike.
Amaze gushika muri ico gihugu, Giraneza yaciye aja kwiyandikisha kw’ishuri ryitwa Balga High School. Kuri iryo shuri, uwo murundi yaciye akunda cane ibijanye no gutamba (dancing), kuvuza umuziki "D.J", yarakunda indirimbo ziri mu mudiho wa Rap, eka (...)