IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Umuririmvyi Femi De J’Abat yasanze abarimyi ku kivi

Umuririmvyi Femi De J’Abat yasanze abarimyi ku kivi

jeudi 7 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa bafashwa n’ishirahamwe VONECOVIC (Voix Neutre Contre La Violence et Injustice à travers les Chansons) aho bari ku kivi, bakiriye umushitsi bari basanzwe bamenyereye. Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien benshi bazi kw’izina rya Femi De J’Abat, mu rugendo arimwo mu Burundi, yishikiye kuraba itongo ry’ishirahamwe VONECOVIC ririmwa n’abo banyagihugu.

Iryo tongo riri muri zone Maramvya, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura rural. Abanyagihugu bafashwa n’iryo shirahamwe ryatangujwe n’uwo muririmvyi bavuga ko ico kibanza kibafitiye akamaro kanini, kuko baharima ibibatungira ubuzima. Mw’irima riheruka, abo banyagihugu bari bahateye ibiharage n’ibigori, ubu bakaba bariko bitegurira kuhatera imyumbati.

Mu migambi ya kazoza k’ico kibanza, umuririmvyi Femi De J’Abat amenyesha ko ishirahamwe VONECOVIC rizohororera ibitungwa bitandukanye, hamwe n’iyindi migambi y’iterambere ry’abanyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa bafashwa n’iryo shirahamwe. Abo banyagihugu barashima iyo migambi, bagasaba ko n’uwoba ashaka kurimisha yobikorako, kuko basanzwe ari benshi bakorera hamwe.

Umuririmvyi Femi De J’Abat ahamagarira abo banyagihugu gukunda ibikorwa, kuko arivyo mushinge w’ubuzima.

Mu muziki w’Uburundi, umuririmvyi Femi De J’Abat ubu asigaye aba mu gihugu ca Norvège azwi mu ndirimbo nka Kuba kw’isi ni ukwitonda, Nkunda Cheri, Reviens mon amour, Ikibi ni akanwa, Umunyenga. Ari mu karuhuko mu Burundi, kuva kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2016, akaba yazananye n’imfura yiwe Divine Mugisha, nawe nyene asanzwe ari umuririmvyi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.