IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Femi De J’abat: "Abategetsi bakwiye kwicara ku ntebe y’ishuri bige intwaro (...)

Femi De J’abat: "Abategetsi bakwiye kwicara ku ntebe y’ishuri bige intwaro rusangi"

mercredi 6 Rusama 2015

Umuririmvyi Minani Felicien yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD-FDD, ararajwe ishinga n’Uburundi bugira busubire kurwa mw’isanga. Abona ko vyose biva ku bumenyi buke bw’abategetsi. Asaba kandi ibiganiro.

Femi De J’abat atangura yandika igisabisho aho asaba Imana ifashe Uburundi, yandika ati:" MANA FASHA IGIHUGU CACU NTIKIRWE KANDI MW’ISANGANYA. "Ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha". Ndasavye Uburundi bwacu bureke gusha tubona, bene Burundi bareke gupfa no guhunga mu gihugu kirimwo ABAGABO ! Ejo aho bukera canke hirya y’ejo tuzumva ko hari ibiganiro nkumbure biriko biraba hagati y’abaserukira Reta n’abarwanya ikiringo ca " gatatu " ca Prezida Petero Nkurunziza bari mu nyiyerekano. Mbe none mu Burundi Abanyeporitike b’indongozi vyarabananiye gutorera umuti w’ivyo batumvikanako amaraso ya bene Burundi atiriwe araseseka, atanabahunze icabibarutse ? Birateye isoni cane n’umubabaro mwinshi !"

Uwo muririmvyi, abona itandaro ya vyose ari ubumenyi buke bufise Abanyeporitike, bakwiye rero kwicara ku ntebe y’ishuri bakiga icari co intwaro rusangi. Yandika kandi ati:" Ku bw’ivyo, jewe ndifuza ko hoba ishure ry’Abanyepolitike bose bari canke bagamije kuja mu nzego zikomeye z’Igihugu, maze bakicara ku ntebe yaryo bakiga neza icarico INTWARO RUSANGI no kumenya gutorera neza inyishu nziza y’ibibazo nkoramutima ku gihugu biciye mu nzira y’amahoro ariyo y’ibiganiro nyakuri atari ivyo guhendana mu gushira imbere kugabura ubutegetsi mu buryo budatomoye neza kandi ku neza z’abo aho gushira imbere ineza y’Uburundi n’abanyagihugu bose. Ndasavye mutwereke ko mu kunda vy’ukuri igihugu canyu, maze mwicare hamwe mufundike ingingo zibereye ku neza y’icabibarutse n’iy’Abarundi twese n’abanyamahanga bakibamwo, maze ntimwibuke kuyora aruko amazi yamaze guseseka / Femi
Photo de Maréchal Femi De J’Abat"
.

Femi De J’abat yandika kandi avuga ko umuti w’ibibazo biri mu Burundi ari ibiganiro. Twobamenyesha ko ari mu Bagumyabanga ba CNDD FDD, badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ubwinyburenganzira bwawe, ikibi nukutubuza kwikorera udukorwatwacu twaburimusi ngomuriko muriyerekana mutwugarira amabarabara.

  • uwo muririmvyi yamye ashigikira #cndd_fdd akonge akayihanura niwe nubu hari hageze ko bokumva impanuro abaha.kubera wanka kwumva impanuro mugenzi wawe aguha bwaca kabiri ukucuza.none ko #peter yagiye kurugamba yiyamiriza abigumiza kubutegetsi ubu rero yibagiye ivyo yemere #abarundi.dushaka #ubumwe na #mahoro mu burundi bwacu!

  • Wewe, wiyise Burundisengerwa, vuga ivyuzineza Nkurunziza ntiyagiye kurugamba kubera abigumiza kubutegetsi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.