IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Mubimbi : Amakarata y’ukwivurizako yatanzwe n’umuririmvyi Félicien (...)

Mubimbi : Amakarata y’ukwivurizako yatanzwe n’umuririmvyi Félicien Nsengiyumva

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien yatanze imfashanyo yo kugarukira ku buzima bw’abanyagihugu bagwiriyemwo abatwa bo muri Komine Mubimbi. Nk’uko ishirahamwe VONECOVIC arimwo rimaze imyaka ribikora, ni mu ntumbero yo kugarukira kuri ba ntahonikora, cane cane abatwa.

JPEG - 48.2 ko
Umukuru w’umutumba ari kumwe na Itonde Jean Joseph afise amakarata mu minwe

Imfashanyo y’amakarata yo kwivurizako (Carte d’Assurance Maladies) agera kw’ijana, yaguzwe n’umuririmvyi avuka mu ntara ya Bujumbura Rural, ariko aba mu gihugu ca Norvege. Félicien canke Femi de J’Abat yarungitse iyo mfashanyo aciye mw’ishirahamwe VONECOVIC (Voix Neutre contre les Violences et Injustice à travers les chansons) rirongowe n’uwitwa Angela IROEGBU, Femi nawe akaba ari icegera ciwe. Abanyagihugu bo ku mutumba RUHORORO muri MUTIMBUZI bahawe iyo mfashanyo barashimye cane narirya ubukene bubugarije, aho badashobora no kwivuza, indwara n’impfu zigaca zibakamwo indaro.

Hatungimana Mathias aserukira ivuriro ryo mu KINAMA ca Mubimbi, avuga ko ico ciyumviro c’uwo muririmvyi kije kubaganya amagorwa yo kubura uko abanyagihugu bivuza kubera ubukene bukurikirwa n’impfu za minsi yose. Asaba abanyagihugu bahawe ayo makarata kuyabika neza narirya akora umwaka wose. Asaba abandi bagiraneza ko boza baribuka ko mu mitumba hari abantu bugarijwe n’ubukene, kuko ari benshi bakeneye utwo dukarata.

Itonde Jean Joseph aserukira ishirahamwe VONECOVIC mu Burundi, ari nawe yatwaye imfashayo, abwira abanyagihugu ko bazi ingorane zabo, zigizwe ahanini n’ubukene budasanzwe, ari naco gituma bama babashira imfashanyo uko umwaka utashe. Avuga ko ishirahamwe rimaze gutanga imfashanyo z’amasuka, ibitungwa (impene n’inkoko), imyambaro y’ishuri, amakaye, n’amahema. Ivyo bikaba vyatanzwe mu makomine ya ISARE, MUTIMBUZI na MUBIMBI.

JPEG - 55.9 ko
abanyagihugu bagiye gutora imfashanyo

Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.