IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > Kidum arasigura igituma adahava yitaba igiteramo Primus Guma Guma Super (...)

Kidum arasigura igituma adahava yitaba igiteramo Primus Guma Guma Super Star III

samedi 27 Mukakaro 2013

Umuririmvyi Kidum, ari muri bane bari batowe ngo bahave batanga amanota mw’ihiganwa Primus Guma Guma Super Star III ryo mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko adahava yitaba igiteramo gitegekanijwe kuri uyu wa gatandatu, aho bahava bashira ahabona urutonde rw’abaririmvyi batanu babandanya iryo higanwa.

Kidum yategerezwa kuba ari mu batanga amanota ku nyifato n’imyambaro y’abaririmvyi batanu, araba ari mu kindi giteramo gikomeye gihava kibera ku kibuga c’umupira ca Kinoru, i Meru muri Kenya. Ico giteramo gitangurira ibindi bizokorwa mu mezi umunani Kidum yateyeko umukono na Safaricom, ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru, Kidum akaba ariwe ari Ambassadeur waryo.

Aganira na IGIHE, Kidum yavuze ko yagumye asaba ubuyobozi bwa BRALIRWA ko bwohindura iryo genekerezo ry’uno munsi, avuga ko yari yipfuza kuba ari muri ico giteramo, ariko yasanze bidashoboka.

Yagize ati “Ku genekerezo ry’uno munsi 27 sinzoba mpari kuko nateye umukono ku masezerano na Safaricom yo kuzunguruka mu biteramo vyose muri Kenya yose. Nari narabandanije gusaba ko bahindura umunsi w’igiteramo ca Primusic Guma Guma Star III ariko biranka”.

Umuririmvyi w’umurundi Kidum ni umwe mu bahanzi bafatwa nk’inararibonye mu muziki wo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 52.1 ko
Kidum (i buryo) mu giteramo cabereye i Muhanga, mu Rwanda

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.