IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > Kidumu yateye akamo Leta y’Uburundi ku kibazo c’ihagarikwa ry’ama (...)

Kidumu yateye akamo Leta y’Uburundi ku kibazo c’ihagarikwa ry’ama karaoke

mercredi 3 Mukakaro 2013

Ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri w’igenekerezo rya 2 Mukakaro 2013, umuririmvyi Kidumu yaremesheje ikiganiro n’abamenyeshamakuru hano mu gihugu c’Uburundi mu ntumbero yo gutera akamo Leta ku kibazo c’ihagarikwa ry’amakaraoke kuko abona ko afise akamaro gakomeye haba kubruhande rwa Leta n’abanyagihugu.

Muri ico kiganiro cabereye kuri Stars Hotel I Bujumbura, Kidumu yasobanuriye abamenyeshamakuru akamaro ka karaoke, aho yagize ati: “Amakoraoke kuyahagarika n’uguhagarika ubuzima bw’abantu benshi kuko yatuma abaririmvyi baharonkera ubuzima kuko ba nyene ububare babahemba. Ikindi, naba nyene ububare karaoke zituma baronka abakiriya benshi kuko umuziki uhamagara abantu benshi, gutyo bigatuma nyene akabare atanga akazi ku banyagihugu benshi.

Ku ruhande rwa Leta naho, Kidumu yavuze ko amakaraoke atuma ikigega c’amakori congereza umwimbu kuko namba abacuruzi baronse abakiriya nabo batanga amakori ku rwego rushimishije.

Yakomeje amenyesha ko Leta mu kuyahagarika yitwaje imvo z’umutekano, akibaza igituma inzego z’umutekano zumva ko zidashobora kuwubungabunga zitabangamiye abanyagihugu.

Kidumu akomeza avuga ko ivyo bimubabaza kuko iyo ugiye henshi muri afrika y’ubuseruko usanga abakora amakaraoke yaho ari abana b’abarundi bahisemwo kwigira kurondera ubuzima hanze, ivyo bigasubiza inyuma imico kama y’igihugu c’Uburundi.

Yabandanije avuga ko ubu ahandi mu bindi bihugu ico bariko baraharanira ari ugukora amasaha mirongo ibiri n’ane kuri mirongo ibiri n’ane, agaca yibaza namba igihugu cacu c’Uburundi arico gikwiye gusigara inyuma.

Nk’uko yabitangarije ikinyamakuru IGIHE, Kidumu yaboneyeho n’akaryo ko gukeza umurwi wa Vital’O wateye iteka Uburund ugatahukana igikombe c’ihiganwa rya CECAFA “Kagame cup”, aboneraho n’umwanya wo gushima umwanya yaronse wo kuba umwe mubahagarariye ihiganwa rya Primus Guma Guma super stars yo mu Rwanda.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.