IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Big Farious ari ku muvuduko munini, vuba azoba ari Anvers

Big Farious ari ku muvuduko munini, vuba azoba ari Anvers

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Inyuma y’ibiteramo yari yagiye kugirisha mu gihugu ca Swaziland, Big Farious Burundiano ariko yitegura kuja guteramisha abantu mu Bubirigi mu giteramo yise "Ndakumisinze".

Big Farious Burundiano ari ku muvuduko munini cane mu kazi kiwe. Nta minsi iheze uwo muririmvyi avuye i Doubai, agarutse yashikiye mu biteramo mu gihugu iwabo, aha tuvuga igiteramo aherutsemwo muri Lycée Scheppers yo mu Nyakabiga, iruhande y’ivyo indirimbo nshasha aguma asohohora.

Ubu naho uwo muririmvyi akomeye cane mu mudiho wa Hip Hop agiye guteramisha Ababirigi. Igiteramo yitiriye rumwe mu ndirimbo ziwe "Ndakumisinze" kizobera mu gisagara ca Anvers kiri mu karere ka Flamand kimwe mu bisagara birimwo abantu benshi mu Bubirigi.

Ico giteramo kizoba ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo rya 26 Ndamukiza


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.