IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz aravye ibihe Uburundi burimwo aravuga aho azogarukira

Fariouz aravye ibihe Uburundi burimwo aravuga aho azogarukira

lundi 20 Ndamukiza 2015

Fariouz ararajwe ishinga n’umutekano muke ushobora kuba mu Burundi muri ibihe bikomeye vy’amatora, bimutuma atinya kugaruka mu gihugu ciwe. Fizzo asaba kandi Imana kurinda ubwicanyi buriko bubera muri Afrika y’Epfo.

Fariouz tumubajije aho azogarukira mu Burundi, yishura ko azoza inyuma y’amatora. Vyerekana ko ibihe Uburundi burimwo bimuteye ubwoba. Naho biruko, Fariouz arashobora kuza mu Burundi imbere y’amatora igihe ihiganwa rya Primusic ry’uno mwaka ryoba hanyuma bakamukenera. Fariouz asaba kandi Imana irinde incuti n’abagenzi bariko bahigwa buhongo muri Afrika y’Epfo. Yandika ati:"Eh Mola walinde ndugu na rafiki zetu misukosuko wanayo ipata huko South Africa".

Big Fizzo rero ariko yerekana umwitwarariko afise ku bijanye n’umutekano haba mu Burundi canke muri Afrika y’Epfo. Tubibutse ko uwo muririmvyi amaze iminsi itari mike mu bihugu vya Buraya aho yagiye kugirisha ibiteramo.

Fizzo ariririmba ati:" Niko sawa". Umviriza aha munsi ururirimbo


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.