IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz ibintu biramukomeranye, amashamba aramushuhanye!Kiyoyo Juma we (...)

Fariouz ibintu biramukomeranye, amashamba aramushuhanye!Kiyoyo Juma we riraniga

jeudi 18 Nyakanga 2014

Umuririmvyi Fariouz ibintu biriko biramukomerana, ibiteramo yasavye ko bamutegurira muri Afrika y’Epfo amaze kubisiba incuro zibiri kandi ataco yarabuze kuko Kiyoyo Juma avuga ko vyose yari yabitanze. Inkuru y’ishingura cumu, n’uko amakuru amwe amwe yerekana ko uwo muririmvyi ahanzwe n’akaborerwe n’abakobwa. Kiyoyo Juma ishavu riraniga.

Mugani Desire canke Fariouz yategerezwa gushika mu gihugu ca Afrika ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 17 Nyakanga isaha zitatu z’ijoro (21h 00), yarafise igiteramo ca mbere uno munsi w’igenekerezo rya 18 i Durban. Amakuru duhabwa na Kiyoyo Juma, atubwira ko ku munsi wa mbere aho vyari bitegekanijwe ko Fizzo aja gutora urupapuro rw’inzira "Visa’, neza na neza yavyutse isaha zine z’igitondo (10h00) kandi mu buserukizi bwa Afrika y’Epfo mu Burundi bugara isaha zitanu (11h 00). Ariko ntawuzi neza ko yashitseyo.

Ibikurikira vyagenze gute?

Mu gihe Kiyoyo Juma yari yatwijeje ko Fizzo ata gisivya afata indege, mu masaha y’umuhingamo w’uwo wa mbere nyene, yaramuhamagaye amubaze ko yaronse "Visa" ariko Mugani Desire ntiyitaba ngendanwa yiwe, ijoro rwose yagumye amurondera, aca no kubo bagendana ariko Kiyoyo ntiyigeze aronka iyambu rya Fizzo. Mu gitondo c’uwo wa gatatu igenekerezo rya 17 Nyakanga, ni ho umugendanyi wa Fizzo azwi kw’izina rya Sony yahava akitaba. Uwo yamubwiye inkuru nca mugongo. Sony yamubwiyeko Fizzo amaze iminsi mu kaborerwe karenze aho arara mu bunywero akaryama umurango, ari navyo vyamutumye ataja no gutora "Visa" yiwe. Ibiteramo 3 yogirishije i Durban, Johannesburg n’i Cape Town biba birasivye burundu ubugira kabiri.

Kiyoyo Juma asanzwe afasha Fariouz mu biteramo agirisha mu makungu yavyifashemwo gute?

Nk’uko yabitumenyesheje ubwiwe, Kiyoyo Juma amaze kuvyuma yarabuze ayo acira nayo amira kuko avuga ko abantu benshi baguma bamubaza aho bagurire ama "Tickets" yo kwinjira mu giteramo. Yaciye afata ingingo ya mbere yo gusubira mu Buholande asanzwe aba. Iyindi ngingo yafashe n’uko gukorana na Fariouz abihagaritse burundu, kandi ata giteramo Fariouz azosubira kugirisha mu makungu ata murishe amahera yose yamutangiye.

Mbega Kiyoyo yakoresheje amahera angana gute kuva iminsi yose amaze muri Afrika?

Nk’uko wenyene yabitwandikiye, amahera yakoresheje yose agabuye uku gukurikira, Kiyoyo Juma:"Ama depenses naginze: I tickets y’indenge yanje kuva Bruxelles gushika Johannesburg narishe 700€ (Ethopian), i ticket ya mbere ya fariaz narishe 500 € Bujumbura-Johannesburg aller-Retour iyo irapfa ntiyaza, ngura iyindi ya Rwanda Air ya 700$. Aho, mazekugera Johannesburg ndiha amahera ya salle Cape Town 400$, ndiha amahera ya salle Johannesburg 300$, ndiha amahera salle durban 350 $. Amahera ya Publicite 200$, namurungikiye ubwambere 300€, ubwa kabiri ndamubwira ahaja gutora 500 $ jenyene manze ngaha 2 semaines ku munsi ndiha Hotel 50$ harura nawe ayo mahera yose aringaho i Burundi ataco ariko arakora atari kuboregwa iminsi yose bikamunanira kuja gutora visa".

JPEG - 23.1 ko
ntibigiye kworoha hagati yabo babiri

Iruhande y’ivyo hari amakuru dukura ku kinyamakuru www.indundi.comavuga ko Fariouz yari mu kaborerwe kadasanzwe n’umukobwa ya mbaye agakanzu mu Nyakabiga ahitwa kuri Facebook aho n’abantu bagomvye gukubitwa, aho hari kw’igenekerezo kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga igihe c’isaha indwi z’ijoro.

JPEG - 114.2 ko
Igiteramo ca mbere casivye
JPEG - 107.2 ko
amasanago vyari vyungururijweko

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Erega kiyoyo ntaciza ca campuni ya shetani ahubwo ndaguhanura haguruka wakire Yesu christ hama ukorere muri campuni yimana. Uzoja mwijuru akandi uronke umugisha ukiri muriyisi

  • Asha akishinga inzoga nabagore ba Bujumbura,Umugera wa Sida uramuhitana ace ahanvya abandi iyo bagiye !! yarakwiye kwisubirako kuko ivyobintu adukoreye hino muri Afrika yepfo ,ingene twari tumwiteze na publicite twamukoreye ,bamwe twari twaratse na congé kukazi kugira tuzoryhegwe ,oya agashavu ni kenshi aratugiriye nabi aba fans

  • Fizzo Nikwameze Umutumiye Ntaza L’autre Dimach Passe Narimfta Igiteramo Ngah Nyanza Turavyumvikana Kazoza Nn Ntiyaje Ntiyanambariy Ko Vyamugoy Nn Mwumv Namw Ar Ibik? Turapfuy P6

  • Jewe numva KIYOYO atarakwiye kucafata ingingo urya nisatani yashatse kubacanishamwo.namuhanure amwerekeko atanyungu yokwishinga ayomabiyose amusivya ibiteramo.ntabwo ashaka kuronka indugu zabana?koyishingakwumvira satani!murakoze.

  • mbe uwo kiyoyo avuga ko Fizzo atazosubira kuvugiriza iburaya agwaye mumutwe nigikiv Kiyoyo iburaya??ubwo hufaraga bwubujajana adodagura ??niwo mutahe yaaaaa???ntaba yaca aririmba wenyene jewe yarikugarukana ayoyataze naho yarikuririmba warumpera iki

  • Niyisubireko,ari umuririmyi abarundi bose bayemera!!!biratangaje vraiment!!!!!yibaza ivyo ariko arakora kwarivyo bizomuhesha agaciro?ndamusizweko pe!!!!!

  • Umuririvyi sumwe gusa mu Burundi nafashe Abanndi iyo Borerwa Fariouz izotangara!

  • Twahora twibaza ko afise ubwenge none dusanze ari ikijuju kweli ,yaradutesheje umwanya wacu ,ahubwo ntitukinamukeneyengaha .nu mu inserieux.

  • Nubwenge buke afise gusa.mbega mwomenyera Fizzo yagarukiye mu wakangahe?no future ni kiwerewere

  • sinumva ukuntu yobisivya kandi yahora amukore ibiteramo vyish me muraraba neza apana kwumva ivyumwe mwosanga hariho ikintu cagoranye kandi murabe yuko ivyo kiyoyo avuga ko ari ukuri kandi ntasubire kuvuga ukwo ngontazosubira iburaya kandi naturure fizzo sumwana muto yoshobra kuyariha apana kumusarisha

  • Kiyoyo ntadebukirw!n’afash aband ham Fizzo niyikosor baze basubize hamw

  • Jewe nashaka ndagusabe ivyo biteramo kuba yarabisivye ntajuru vyomubujije yaba yariko ararirondera ese Imana yomutabara agategura ibiteramo vyubutumwa bwiza kandi nogusiba ntiyosiba kuko ntiyoba akiborerwa nawe kiyoyo ayo mafaranga numva ari menshi woyenvestissa muvy,Imana

  • Ahubwo Kiyoyo Numusazi Narekekuducafuri Umuririmvyi Wacu Wambere Muburundi Fizzo Amafaranga Arinayo Abamukunda Nuburundi Bwose Amaherantayabuze Yitaba Igiteramo Ahoyigombeye Nibamureke Uryani king

  • naki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaranaki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaranaki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaranaki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaranaki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaranaki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaranaki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaranaki yoyozuw ariyemera mbaci kombagendana ntiyarikurinda kutsamugaragaz

  • ekaaaa!!ivyo n’ibntu bsanzwe fizzo dusanzw 2zik’amahera atayo abuze!kuriw nink’ivyatsi

  • Fizzo Ndaziko Atanzoga Zotuma Asiba Concert Kuk Ntizar Iza1 Anyoye Mumwegere Mu Mubaze Impamvu Kandi Mureke Kumucafuza Mu Mutuka Kuko Harimpamvu Yabikozuko Reka Kumva Amajambo Muce Mujana Nagwo Ngo N,ukuri Mudatohoje

  • Fizz Wepowa Fizz Turamukunda Kandi Turamwizeye Ivyonavyo Bamuvugako Nivyabo Birabara Ko Twese Tuzi Kwataboregwa Canke Kuboregwa Vyotuma Atajo Mugiteramo Ahubwo Amafaranga Arayafise Fizz Tura Mukunda

  • Fizzo niyirambire.igikwirikira twotekana hanyuma mukamwegera mukamubaza impamvu.kuko inzoga ntizomutuma asibagutora visa kuko ndamuzi neza kuvyerekeye urukanwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.