IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz yasivye urugendo, ibiteramo vyungururijwe ku rindi sango

Fariouz yasivye urugendo, ibiteramo vyungururijwe ku rindi sango

vendredi 12 Nyakanga 2014

Urugendo rwa Fariouz muri Afrika y’Epfo rwasivye. Igiteramo n’ibindi vyose vyari vyateguye vyasivye. Kiyoyo Juma yumiwe yumvise Fizzo amubwiye ko yasivye kandi ibikenewe vyose yari yabitanze.

Amakuru turungikiwe na Kiyoyo Juma atumenyesheje ko integuro z’igitermo zose zabaye impfagusa. Kiyoyo Juma yaguye mu yabize yumvise Fariouz amubwiye ko ivyo kuja muri Afrika y’Epfo bihindutse. Insiguro Fizzo yamuhaye n’uko impapuro zikenewe kugira ashikeyo atazironse, ufise isango ryo ku wa mbere.

Ku bwa Kiyoyo Juma ati:" ndatangazwa n’uko yambwiye ko ataronse Visa kandi yaramaze indwi 3 afise ubutumire kandi n’amahera yose yo kuyirondera narayamuhaye. Ikindi kimbabaza n’uko haraho namurondera kuri terefone ntiyitabe kandi azi urubanza dufise. Maze kugura ama tike y’indege abiri: Imwe naho yari kuza ku wa kane, iyindi ni uno munsi. Ntiyiyumviriye amahera narishe ku ma "Salles" n’ibindi vyinshi nk’iminsi maze ndi ino muri Afrika y’Epfo. Birababaje cane".

Naho biruko, uruhombo ni runini. Kiyoyo Juma yemeye kurindira Fariouz gushika aho ku wa mbere (igenekerezo rya 15 Nyakanga uyu mwaka). Ibiteramo vyose vyungurijwe kw’isango tuzobamenyesha hanyuma.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.