IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Kuki Fariouz yapfukamye imbere y’abantu umunsi wa Top Ten Tube Music Awards (...)

Kuki Fariouz yapfukamye imbere y’abantu umunsi wa Top Ten Tube Music Awards 2014?

lundi 18 Myandagaro 2014

Inyuma y’ihiganwa TopTenTube Music Awards 2014 aho Fariouz yaronswa ku gatwe kiwe ubushimwe butatu, uwo muririmvyi akunzwe cane mu Burundi yaragaragaje umunezero avuga ko itsinzi yiwe ayikesha abakunzi biwe. Yaranasiguye igituma yaciye apfukama imbere y’abari aho.

Big Fariouz agiye gutora agashimwe ka gatatu mw’ihiganwa TopTenTube Music Awards 2014, yaciye apfukama imbere y’abantu, ku ruhimbi ibirori vyariko biberako. Apfukamye yavuze mw’ijwi ririmwo ibishobisho ko ubushimwe ata bubereye, ko ahubwo bwari guhabwa abakunzi biwe iyo bava bakagera, ati :" Abakunzi banje nibo bangaba, nibo bantunze, nibo ba Patrons banje, nibo batuma jewe mba Fariouz". Abo abashimira ko kuva agifata mu minwe umwuga wo kuririmba atako batakoze ngo ashike ku ntambwe ageze ko uno munsi. Fariouz yarashimiye abamenyeshamakuru bose iyo bava bakagera.

Inyuma yaho, twaramubajije ko yari yiteze ubwo bushimwe, Fariouz ati:" Ntavyo nari niteze cane ariko ico nzi n’uko nakoze cane muri uwo mwaka, ndonka agashimwe ntakaronka nta ntege vyonciye." Fariouz ati:" Ngiye kubandanya nkora gusumba uko nahora kandi abakunzi banje sinzobatetereza".

Tubibutseko ubushimwe butatu yaburonkejwe mu bisata bikwirikira:

1) Ururirimbo "Yahaya" rwa Big Fariouz rwahawe amajwi benshi ivyo bita "Choix du Public mu kiganiro « AKIWACU »

2) Big Fariouz yatowe nk’umuririmvyi wa mbere w’umwaka w’i 2014,

3) " Who you are" ya Big Fariouz na Samantha yabaye indirimbo yakorewe hamwe ( Meilleure Collaboration),

Ikindi twobibutsa n’uko uwo muririmvyi amaze igihe ari mu baririmvyi bariko bakoresha ibiteramo k’ubwo ubuserukizi bwa Brarudi mw’ihiganwa Primusic rizorangira kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro.

Umviriza ururirimbo "Yahaya" rwahawe amajwi menshi n’abakunzi barwo n’abakunzi ba Fariouz.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Yafukamiye ubusa ,agashimwe kadakwije nama dorare 1000$!!!!!!Nanje mbaye nkabandi mbona yopfuma yisubirira muri France akiga nka kuriya ba Kitoko naba Meddy bayarembeje si non ntayari kuva ntayari kuja

  • Harya ngo umugabo si urucumu,kuba umuntu akundwa nabantu ntibisaba. kuja za kaminuza!abo bavuga ngo naje Muri France kwiga gukundwa n,abantu ,nobabwira ko batazi uko Imana ikora.big Farious oyeeee.

  • Harya ngo umugabo si urucumu,kuba umuntu akundwa nabantu ntibisaba. kuja za kaminuza!abo bavuga ngo naje Muri France kwiga gukundwa n,abantu ,nobabwira ko batazi uko Imana ikora.big Farious oyeeee.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.