IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Naho hari ibisiba kubera urwangara, ibiteramo vya Farious birabandanya

Naho hari ibisiba kubera urwangara, ibiteramo vya Farious birabandanya

lundi 2 Ruheshi 2014

Ibiteramo bitandukanye biriko bikorwa n’umuririmvyi Big Farious mu bihugu vya Burayi birabandanya. Bimwe muri ivyo biteramo birasiba, ibindi bigakoreka ukuri kwamye. Igiteramo cimirije gifise intumbero nziza zishika 3.

Big Farious amaze igihe kitari gito agirisha ibiteramo mu bihugu vy’i Buraya. Inyuma y’igiteramo casivye cari kuba kw’igenekerezo rya 31 Rusama i Stokholm muri Suede, Farious ntacika intege. Kw’igenekerezo rya 07 Ruheshi, ari kumwe na Dr Claude umurundi aba mu Rwanda, Big Farious azoremesha igiteramo mu Bubirigi ahitwa Nerviersstraat 12 mu gisagara ca Anvers.

Amakuru ava kwa Kiyoyo Juma ategura kenshi ibiteramo vy’abaririmvyi b’abarundi n’abanyarwanda, amenyeshako intumbero y’ico giteramo ari guhuza Abarundi n’Abanyarwanda baba aho mu Bubirigi. Iyindi ntumbero n’uko amafaranga azova muri ico giteramo hazovako igice kizoza gufasha abasigajwe n’aya mvura yo mu Kamenge, n’intumbero kandi yo gushigikira abaririmvyi b’Abarundi. Kwinjira mu giteramo n’amahera 10 y’amanyaburaya (10 Euro) arenga amarundi 20.000(20.000 frbu), ama "Euro" 2 azoja gufasha batahonikora bo mu Kamenge.

Kiyoyo Juma asaba Abarundi bose bari i Buraya kwitaba ico giteramo mu ntumbero yo kubashigikira.

Mwomenyako Farious yanditse ku murongo wiwe wa "Facebook"ko igiteramo cari kuba kuri uwo wa gatandatu uheze i Stokholm casibijwe n’urwangara rw’abagiteguye.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Je Hari amakenga nfise kubiteramo vya Farius ,biragaragara ko atamahera afise mugihe twama umubona burigihe mubiteramo biboneka ko ivyo biteramo ataco abikuramwo!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.