Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Umwana wa Farious abwira se ko adashaka kuba umuririmvyi ariko (...)
Umwana wa Farious abwira se ko adashaka kuba umuririmvyi ariko umusirikare
lundi 16 Ruheshi 2014
Inyuma yaho ishirahamwe Brarudi ritoye abaririmvyi bazoriserukira mw’ihiganwa rya Primusic, bamwe muri bo baragize ico babivugako, ahanini kukaba ari ugushima Imana n’abakunzi babo. Iruhande y’ivyo umwana wa Farious ntiyipfuza kuba umuririmvyi, ashaka kwibera umusirikare.
- Farious yashizeko imishatsi nk’abaririmvyi bo mu umurwi wa Boney M
Umuririmvyi Mugani Désiré azwi cane kw’izina rya General Farious Burundiano avuga ko ashima Imana n’abakunzi biwe kubona ishirahmwe Brarudi ryasubiriye kumwizera rikamushira mubazoriserukira mw’ihiganwa rya primusic.
Ku rubuga rwa facebook yiwe, avuga ati : "Salut à tout mes fans. ..nizere ko mwese mukomeye kandi ko mwavyutse n’amahoro y’Imana! Bref, akamwemwe ni ntangere kubona nasubiye kwizerwa na Brarudi mu bikorwa dukora. Baraya banyambitse kandi umutamana no kumpa iteka ryo kuba umu ambassadeur muri Primusic. Ibi vyose nkaba ndabikesha Imana na mwebwe aba fans banje bose. Merci bcp...I love u all."
Kiretse gukenguruka kwa Farious, twobabwira ko umwana wiwe w’umukobwa yabwiye se ko adashaka kuba umuririmvyi nka se, ariko yipfuza kuba umusirikare amaze gukura. Yabwiye se wiwe uku gukurikira : "Dad, I won’t be a musician like u, but a soldier when I’ll grow up !!!."
- Umwana wa Fizzo ashaka kuba umusirikare
Mwomenya ko abaririmvyi Big Farious, Sat B, na Samantha ari bo batowe kuzoriseruka mw’ihiganwa rya Primusic umwaka w’2014.
Umviriza ururirimbo "Yahaya", rumwe mu ndirimbo nshasha za Faroius
Cherif Nkeshimana
Messages
16 Ruheshi 2014, 12:48, par Ntaco Ntemanga
Tugumvirize he?ivyo mwivugisha:umviriza,fyonda aha hepfo nibiki!
16 Ruheshi 2014, 12:57, par twitonde
Musomyi wa Journal igihe.bi Ntaconemanga, ntuzi kubirondera kuko barabishirako, raba aho munsi baba banditseko uce ufyonda uca wumviriza ururirimbo canke urabe video