IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Umwana wa Farious abwira se ko adashaka kuba umuririmvyi ariko (...)

Umwana wa Farious abwira se ko adashaka kuba umuririmvyi ariko umusirikare

lundi 16 Ruheshi 2014

Inyuma yaho ishirahamwe Brarudi ritoye abaririmvyi bazoriserukira mw’ihiganwa rya Primusic, bamwe muri bo baragize ico babivugako, ahanini kukaba ari ugushima Imana n’abakunzi babo. Iruhande y’ivyo umwana wa Farious ntiyipfuza kuba umuririmvyi, ashaka kwibera umusirikare.

JPEG - 51.5 ko
Farious yashizeko imishatsi nk’abaririmvyi bo mu umurwi wa Boney M

Umuririmvyi Mugani Désiré azwi cane kw’izina rya General Farious Burundiano avuga ko ashima Imana n’abakunzi biwe kubona ishirahmwe Brarudi ryasubiriye kumwizera rikamushira mubazoriserukira mw’ihiganwa rya primusic.

Ku rubuga rwa facebook yiwe, avuga ati : "Salut à tout mes fans. ..nizere ko mwese mukomeye kandi ko mwavyutse n’amahoro y’Imana! Bref, akamwemwe ni ntangere kubona nasubiye kwizerwa na Brarudi mu bikorwa dukora. Baraya banyambitse kandi umutamana no kumpa iteka ryo kuba umu ambassadeur muri Primusic. Ibi vyose nkaba ndabikesha Imana na mwebwe aba fans banje bose. Merci bcp...I love u all."

Kiretse gukenguruka kwa Farious, twobabwira ko umwana wiwe w’umukobwa yabwiye se ko adashaka kuba umuririmvyi nka se, ariko yipfuza kuba umusirikare amaze gukura. Yabwiye se wiwe uku gukurikira : "Dad, I won’t be a musician like u, but a soldier when I’ll grow up !!!."

JPEG - 28.5 ko
Umwana wa Fizzo ashaka kuba umusirikare

Mwomenya ko abaririmvyi Big Farious, Sat B, na Samantha ari bo batowe kuzoriseruka mw’ihiganwa rya Primusic umwaka w’2014.

Umviriza ururirimbo "Yahaya", rumwe mu ndirimbo nshasha za Faroius


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.