Umuririmvyi Shazi Kool amaze amezi ashika cumi ataboneka mu Burundi, aherutse gushira ishusho (photo) nshasha ku rubuga rwiwe rwa "Facebook". Haracari igipfungu c’aho uwo muririmvyi yagiye ariko icamutumye ahunga kirikekwa.
Inyuma y’amezi ashika kuri 10, Shazi Kool iyo ari mu kinyegero yashize ubwa mbere i "photo" ku rubuga rwiwe rwa "Facebook" (photo de couverture). Naho biri uko, benshi baribaza irengero ry’uwo muririmvyi, bamwe bavuga ko yoba ari mu gihugu c’Urwanda abandi ko yoba ari muri (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shazi Harera > inkuru
inkuru
-
Inyuma y’amezi 10 atawuzi irengero rw’iwe, Shazi yahinduye i foto, yoba ari he? Yahunze iki?
2 Gitugutu 2014 -
Abaririmvyi barakwiye kujana n’ibihe
14 Munyonyo 2013Kubera ibintu kw’isi biguma bihinduka mu mpande zose z’ubuzima bw’umuntu, n’abaririmvyi barakorwako. Harerimana Shazi canke Shazi Kool ahamagarira abaririvmyi bagenzi we kujana n’ibihe. Ivyo abivuga mu gihe hari bamwe mu baririmvyi b’abarundi bataramenya aho ibihe bigeze. Atanga akarorero kaho usanga umuririmvyi agumiza indirimbo ziwe ku ma CD, muzi umwanya ayo amara.
Harerimana Shazi, wewe yatanguye umugambi mushasha kuri we, wo gushira ivyakora k’urubuga rwa facebook kuko amaze kubona ko (...) -
Shazi Harera, umuririmvyi avanga umurisho w’ingoma n’imidiho mva mahanga
4 Mukakaro 2013Umidiho mvamahanga hamwe n’umudiho w’umurisho w’ingoma z’Uburundi niwo mudiho wa Shazi Harera. Ivyo kandi bikaba bimaze kumushikana ahatari hake kurata akaranga k’Uburundi biciye mu muziki akora.
HARERIMANA Shazi benshi bazi kw’izina Shazi Cool abandi Shazi Harera, ni umuririmvyi yamuka hagati na hagati y’igihugu c’Uburundi mu ntara ya Gitega. Ati: “Nakuriye ahantu bakunda umuziki no gutamba, mu ntara ya Gitega…”. Ivyo bikagaragarira ku kuntu yakunze umuziki akiri muto cane. “Ndi mu mwaka wa 3 (...)