IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Small Dog Le Pygme > Inkuru > Aba "Rappeurs" ntibahabwa ikibanza muri Primusic

Aba "Rappeurs" ntibahabwa ikibanza muri Primusic

mardi 2 Nyakanga 2014

Umuririmvyi Small Dogg Le Pygme afise umwitwarariko urenze ku kibazo c’uko umudiho aririmbamwo udahabwa ikibanza kiwukwiye. Ababifisemwo uruhara abasaba ko boza baravomera zose kuko batazi urwama kare.

"Umudiho wa Rap ntiwitaweho cane mu Burundi", ivyo bivugwa n’umuririmvyi Small Dogg Le Pygme aririmba muri "Rap". Uko kutitabwaho avuga ko abibonera ku bintu bitari bike. Le Pygme adoma urutoke kw’ihiganwa rya Primusic ritigera rireka abaririmvyi ba Rap ngo barengane. Aha atanga akarorero k’umuririmvyi B Face atarenze n’igice c’umunani ca Primusic 2014. Aranatangazwa n’uko abaririmvyi ba Rap nka Mkombozi canke T- Max badatorwa kugira baserukire Primusic (Ambassadeurs de Primusic). Small Dog avuga atarya umunwa ko hari n’abamenyeshamakuru bafise uruhara mukudatera imbere kw’umudiho wa Rap mu Burundi. Aho intambamyi avuga iterwa n’abo bamenyeshamakuru ni kutavuza kenshi indirimbo za Rap.

Uwo muririmvyi aragaruka agatanga akarorero k’igihugu c’Urwanda, aho umuririmvyi wumu "Rappeur" Jay Polly aherutse gutsinda mw’ihiganwa rya Primus Guma Guma Super Star 4 rigereranywa na Primusic y’Uburundi.

Ku kibazo c’uko n’abaririmvyi ba Rap boba bafise uruhara mu kudatera imbere, Small Dogg yishura ko ikosa bafise ari uko benshi muri bo ata mafaranga menshi bafise kugira bakoreshe ibiteramo hanyuma bamenyekane cane. Ati :" Kutagira uburyo ntiryobaye ikosa, ahubwo abantu boraba ibikorwa vyacu kuko turashoboye".
Tumubajije akamaro k’umudiho wa Rap, Small Dogg yishura ko aba Rappeur" batanga ubutumwa n’ivyiyumviro vyubaka, mu rupfasoni.

Aha munsi murumviriza ururirimbo aba "Rappeurs" Small Dogg, Babychou na Chouman baririmvye ku bijanye n’ikumirwa rya "rap", ururirimbo rwitwa "Mugoniki".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.