IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emy Smith > Biography

Biography

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Emery Ndaboroheye azwi kw’izina rya Emy Smith ni umuririrmvyi , umukinyi w’amareresi, akaba n’umucuraranzi w’imyaka 25. Agira gatatu mu muryango w’abana batanu kandi aracafis’abavyeyi bose. Yiga mu mwaka wa gatatu mu gisata c’icongereza muri kaminuza yitiriwe Ntare Rugamba.

Kuvyerekeye umwuga wo gucuraranga, ngo yatanguye ivyo kuririmba kuva akiri muto cane afise imyaka 5 gusa aho yatangurira muri chorale y’ishure ry’abana mw’ishengreo rya Assembly of God. Ngo ariko ku myaka 13 yaciye ahagarika kuririrmba mw’ishengero aca atangura kwigana indirimbo z’umuririrmvyi Nelly m’umudiho wa play back.

Ngo mu muryango w’iwe n’abantu basanzwe bakunda cane kuririmba ari naho yaciye akunda cane ivyo gucuraranga bitumwe na mukuruwe yabimufashijemwo cane. Uwo nawe akaba yari umucuraranzi akomeye mw’ishengero rya El Shaddai azwi kw’izina rya Yves Nahishakiye. Niho yaciye atangura kwiga ibijanye n’ivyumuziki, acaba n’umuhinga avuza inanga neza.

Emery Ndaboroheye azwi cane kw’izina rya Emy Smith aririmba indirimbo z’ Imana izo bita gospel hamwe n’indirimbo zo mu buzima busanzwe zihanura. Amaze gusohora indirimbo nyinshi cane, harimwo izo yaririmvye wenyene n’izindi yaririmvye ari kumwe n’abandi. Muri izo nyinshi n’izirabwa kumasanamu (clip) zaririmbwe zinakorwa mu buryo buteye imbere zikaba zikundwa na benshi. Aho twovuga nk’indirimbo yanditse aranavuza, ivuga n’ibijanye n’imyaka 50 iheze twikukiye yiswe “Jubilee”.

Mu ndirimbo nshasha nazo, hari iyiherutse gusohoka yakozwe mu mudiho mwiza cane mu bihugu vya Nigeria na Cote d’ivoire witwa Maputa.
Uwo mucuraranzi akaba azwi cane kuko asanzwe anatumirwa cane kuja kuririmba mu mashengero, eka no mu bukwe butandukanye.

Uwo mu curaranzi kandi aheruka kugira igiteramo igenekerezo rya 2 muri Kigarama 2012 aho yari yatumiwe muri Kenya ari kumwe n’umuririmvyi Fortran Bigirimana.
Emery Ndaboroheye azwi kw’izina rya Emy Smith asanzwe kandi ari n’umukinyi w’amareresi.

Ivyo navyo akaba yarabikunda cane kuva mu buto bw’iwe, akiri nko mu mwaka w’umununani w’amashure yisumbuye. Aheruka no gukina ireresi yerekeranye n’ubuzima bwiwe, ingene yahindukiriye Imana. Iyo nayo yayise”A return to salvation”. Igiye gusohoka vuba.

Ngo mu ntumbero afise,harimwo kuvuga ubutumwa abantu bakihana, kumenyekanisha igihugu c’iwe mu makungu mukwerekana ivyiza biri mu Burundi, eka no kugera kure akaba umucuraranzi yemewe.

Mu buzima bwiwe bwa misi yose asanzwe akunda gusenga, gutwenga, kandi abanye neza n’abandi n’abantu bose. Muvyo kwinonora imitsi, akunda umupira w’amaguru. Mu bifungurwa navyo, akunda inyama y’isosiso.


Bukuru Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.