Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chameleone > Inkuru > Chameleone n’umugore wiwe Daniellah ,Imyaka itanu iraheze
  Chameleone n’umugore wiwe Daniellah ,Imyaka itanu iraheze
				
				vendredi 7 Ruheshi 2013
Haheze imyaka itanu Chameleone n’umugore wiwe Daniellah bambikanye impeta . Uno munsi, igenekerezo ry’i 7 Ruheshi 2013 akaba ariho bahimbaje imyaka itanu irangiye babanye.Bakaba banezerejwe kukungene iyo myaka itanu irangiye babanye mu mahoro n’umwumvikano udasanzwe.
Kw’ igenekerezo rya 7/ Ruheshi /2008, niho Dr Jose Chameleone yinjiye mw’ishengero ya Bbina Church asezerana n’umwigeme witwa Daniellah imbere y’Imana ko bagiye kubana akaramata kugeza igihe bazotandukanywa n’urupfu canke Kristo agarutse.
Nk’uko Chameleone ubu ari muri Amerika yabisiguye biciye kuri facebook, avugako muri iki kiringo c’imyaka itanu amaranye n’umugore wiwe Daniellah, babanye mu mahoro ntangere eka no mumarushwa bacamwo, bafatikaniriza hamwe kurondera umuti nk’uko bari babisezeranye ku munsi bambikana impeta.
Daniella, umugore wa Chameleone
Ati, “umunsi nk’uyu mu myaka itanu irangiye, twakoze urubanza rwo gushingirwa , twagiranye amasezerano tunabishirako umukono ko tugomba kuzobana mu vyiza no mu bibi “mu bihe vyiza canke ibibi”. Nivyo, twasangiye ibihe vyiza mu gihe tumaranye kandi twanasangiye ibibi ndetse tuzobandanya  muri iyi nzira kugeza dutandukanijwe n’urupfu .”
Chameleone na Daniella babanye mu vyiza no mu bibi
Uyu muririmvyi,  yashimiye bikwiye  umugore wiwe Daniella, ubwitange agaragaza mu kurondera  inyungu z’urugo rwabo, kumurerera ibibondo  neza, amushimira  mbere  vy’umwihariko  k’urukundo yamuhaye.
Chameleone  ubu akaba ari  umwe mu baririmvyi  bafise amafaranga menshi muri Afurika
Chameleoene abandanya avuga ati, “Daniella, urenze kuba nokwita umugore wanje, uri incuti yanje y’ikirenga, ni wewe muhanuzi  wanje mukuru, uri ubuzima bwanje. Warakoze kunkunda, warakoze kumbabarira aho nakosheje, warakoze kumbera umugore yitanga kandi underera abana neza nk’uko navyipfuza ,ndanagushimira kuba umpora impande .”
Chameleone  yongeye  kandi gusezeranya Daniella kuzomukunda kugeza gupfa
Naho  bagenda bagera  mu zabukuru n’imyaka yabo igahinduka, Chameleone yasezeranyije umugore we kutazamuhemukira canke  ngo atezuke  mu rukundo.
Chameleone ati, “Reka turyohererwe iyi myaka 5irangiye tumaranye. Ndagukumbuye, n’abana bacu ndabakumbuye cane cane…N’ubwo tuzogera mu zabukuru n’imyaka yacu ikaduhindura, hari ikintu kimwe kitazigera gihinduka…nzobandanya ndugukunda…”
Chameleone ubu ari muri Amerika ahakorera ibiteramo yise Badilisha Tour, kuri uyu wa gatanu w’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013 araririmbira muri Maine, mu mugisagara ca Washington DC akazoharirimbira ejo ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruheshi 2013.
Abakunzi b’uyu muririmvyi muri Phonix AR azobateramira kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2013 , aho azobandaniriza muri Kansas kw’igenekerezo rya 21/Ruheshi /2013, asozereze mugisagara ca Chicago ahitwa Illinois,kw’igenekerezo rya 22/ Ruheshi /2013.
Joel Sengurebe
Messages
7 Myandagaro 2016, 04:25, par Bunyundo Jean Marie
Mwebwe Vyobavyo Gut Mwiyandikir Amatarik Bidahuy Nivyo Murik Muvga Oya Rr Turavyanse
7 Myandagaro 2016, 04:26, par Bunyundo Jean Marie
Mwebwe Vyobavyo Gut Mwiyandikir Amatarik Bidahuy Nivyo Murik Muvga Oya Rr Turavyanse