IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > Indirimbo > Chany Queen yasohoye ururirimbo "Fizzo" yaririmbiye Fariouz amutera (...)

Chany Queen yasohoye ururirimbo "Fizzo" yaririmbiye Fariouz amutera amashurwe

mardi 28 Gitugutu 2014

Inyuma y’iminsi y’agacerere, Chanelle azwi kw’izina rya Chany Queen yasohoye ururirimbo ruvugwamwo Fariouz kuva mu ntago gushika ruhere, koko yaririmvye izina Fizzo gusa. Chany Queen ati:" Mvuze F I Z Z O mba nshatse gusigura Fizzo".

Chany Queen ntiyaraherutse gusohora indirimbo ariko aravuye mu gacerere aca asohora ururirimbo " Fizzo" aho aririmba Fariouz amutera amashurwe gushika ruhere. Mu majambo avuga mu ruririmbo, Chanelle yemeza ko Fizzo ari we muririmvyi wa mbere yubaha kandi akunda. Ati:" Fizzo ni inzira y’ukuri muri music,... kubatamwemera i’m sorry". Mu mpera y’ururirimbo, Chany Queen avuga ko Fizzo yokomerwa amashi.

Mwomenya ko atari ubwa mbere Chany Queen asubiramwo izina rya Fizzo mu ndirimbo. Mu ruririmbo "What’s my name" rwa Fariouz, Chany Queen yitabiramwo asubira izina "Fizzo". Urwo ruririmbo benshi baruvuzeko amajambo menshi kandi rwahavuye rukundwa na benshi.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Fizzo" rwa Chany Queen


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.