IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emelance Emy > Emelance mu guhimbaza ukwikukira ashima udushimwe mpuzamakungu (...)

Emelance mu guhimbaza ukwikukira ashima udushimwe mpuzamakungu yaronse

lundi 1er Mukakaro 2013

Uko umwaka utashe kw`igenekerezo rya 1 Mukakaro, abarundi barahimbaza intahe y’ukwikukira bashitseko mu mwaka w’1962 babifashijwemwo n’incungu y’ukwikukira umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Uyu munsi Uburundi buriko buhimbaza imyaka 51 bwikukiye aho hirya no hino mu gihugu hazindutse ibirori vyo guhimbaza uwo munsi nk’uko vyagiye bigarukwako cane ko ari umwe mu minsi mikuru ikomeye mw’ihimbazwa hano mu gihugu c’Uburundi.

Mu gihe abantu benshi kuri uyu munsi bagira ico bawuvugako, mu baririmvyi Emelence Emmy yamenyesheje afise umunezero mwinshi kuko mw’ihimbazwa ry’uyu mwaka wa 51 wo kwikukira kw’igihugu ciwe yasanze muvyo yashitseko yaragiriye Uburundi akamaro, aho yatahukanye udushimwe tubiri mpuzamakungu.

Uyu muririmvyi akoresheje urubuga rwa facebook yagize ati: “Nshima Imana ko muri iyi myaka 51 hari ico namariye igihugu kandi nkashima ko abakenyezi bavyifashemwo neza mu buryo butandukanye. Ubu kuva aho ntanguriye ibijanye no kuririmba ndamaze guserukira igihugu canje mu makungu kandi nkavyifatamwo neze .”

Tubibutse ko uyo muririmvyi amaze gutahukana ubushimwe bubiri ku rwego rwa Afrika aho kamwe yagatahukanye mw`ihiganwa ryari ryataziriwe EAST AFRICA MUSIC AWARD, akandi agatahukana mw’ihiganwa risanzwe ritunganirizwa mu gihugu ca Benin ariryo SICA.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.