IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Uwimana Adora > Rwanda : Adora Uwimana na bagenzi mu birori vyo gutanguza Groove (...)

Rwanda : Adora Uwimana na bagenzi mu birori vyo gutanguza Groove Awards

samedi 17 Myandagaro 2013

Mu ntumbero yo kurushirizaho guteza imbere ingabirano z’abaririmvyi baririmbira Imana mu Rwanda, i Kigali hatangujwe amahiganwa azoza aratanga udushimwe ku bigenjeje neza muri Gospel.
Mu giteramo co gutanguza ayo mahigannwa, haratumiwe n’abaririmvyi b’abarundi harimwo umuririrmvyi Adora Uwimana, Jiji Stiven n’umurwi wose wa The Ganadore.

Ayo mahiganwa akomeye muri Gospel asanzwe abera muri Kenya. Yatanguye kuba kuva mu mwaka w’2004, ubu akaba amaze guha udushimwe abaririmvyi 240 bo muri Afrika y’ubuseruko. Ubu mu Rwanda hakaba hatangujwe igisata c’ayo mahiganwa kikazoshigikira cane mukuronsa ubushimwe abaririmvyi barusha abandi mu gihugu.

Ayo mahiganwa azogenzurwa kandi anakurikiranwe n’abasanzwe bayategura bo muri Kenya bafatanije n’abo muri Moriah Entertainment Group basanzwe bakurikirana ibijanye na Gospel mu Rwanda no mu Burundi.

Abo baririmvyi b’abarundi bitavye iryo tanguzwa rya Groove Awards bamenyesheje ko banezerejwe no kubona iryo higanwa rije gukorera ibikorwa vyaryo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, mbere baranashima ingene bakiriwe neza muri ico gihugu, n’ingene babandanya kwitabwaho haba mu bijanye n’ivyo kumenya Imana gusumba, eka mbere no mu buzima busanzwe.
N’aho batamenyesheje umunsi bazogarukira, abo baririmvyi bitegekanijwe ko bazogira ibiteramo mu mashengero atandukanye n’ibiganiro ku bimenyeshamakuru vyo mu Rwanda.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.