IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Famba > Happy Famba na Diamond bazoteramisha abanyarwanda

Happy Famba na Diamond bazoteramisha abanyarwanda

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Umuririmvyi Happy Famba azoba ari m’u Rwanda igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2013 mu giteramo azoremesha ari kumwe n’umuririmvyi Diamond ava mu gihugu ca Tanzaniya.

Nk’uko Happy Famba yabimenyesheje ikinyamakuru Akeza.net,azoba agiye I Kigali mu gihugu c’u Rwanda kuko yabisabwe n’umuririmvyi Diamond ngo bazohurireyo.

JPEG - 106.3 ko

Umuririmvyi Happy Famba azoba ari kumwe na Diamond mu giteramo,ariko ntibizoba biheze kuko bazoca baronka n’akaryo ko kuganira ku biteramo bashobora kuremesha I Bujumbura hamwe n’I Bukavu mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Imbere y’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma n’urugendo rwo m’u Rwanda,Happy Famba arafise ibindi azoba ariko arakora kuko igenekerezo rya 8 azoba ari I Makamba,igenekerezo rya 10 azoba ari I Nyanza-Lac,kurya 14 naho azoba ari I Buvira mu gihugu ca Kongo.

Tubamenyeshe ko muri ivyo biteramo vyose Happy Famba azoba ari kumwe na Fariouz Big hamwe na DJ Iverson 3yari yatunganije igiteramo ca Fariouz cabereye mu Kanyosha.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.