IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Dety Darba > Inkuru > Igiteramo c’umuririmvyi Dety Darba casivye, ashobora kwitaba ica Diamond i (...)

Igiteramo c’umuririmvyi Dety Darba casivye, ashobora kwitaba ica Diamond i Bujumbura

lundi 3 Munyonyo 2014

Inyuma y’igiteramo cabereye i Bukavu, umuririmvyikazi Dety Darba yahejeje igiteramo atamerewe neza mu magara yiwe, vyatumye igiteramo yogiriye i Bujumbura gisiba. Ariko uwo muririmvyizi azoboneka mu giteramo c’agakura kizoremeshwa n’ibihangange mu muziki vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

JPEG - 36.3 ko
Igiteramo casibijwe

Dety Darba yoteramishije igisagara ca Bujumbura kw’’igenekerezo rya 07 Munyonyo mu kigo c’abafaransa ( Institut Francais de Bujumbura). Muri ico giteramo yoshize ahabona urukurikirane rwiwe rwa kabiri yise "JE NE SUIS PAS ELLE". Amakuru duhejeje guhabwa na Beni Nkomerwa asanzwe ategura ibiteramo vyiwe atumenyesha ko Dety yahejeje igiteramo amagara yiwe atifashe neza ari naco gituma asibije igiteramo. Igitangaje n’uko igenekerezo y’iyungururizo itaramenyekana barindiriye isango rizotangwa n’abajejwe ibiteramo bibera muri "Institut Francais de Bujumbura"

Beni Nkomerwa amenyesha ko amagara amukundiye Dety azoba ari mu giteramo rutura kizoba kw’igenekerezo rya 28 Kigarama. Ico giteramo kidasanzwe kizoremeshwa n’ibihangange mu muziki wo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Atubwirako ata gisivya Diamond azoba ari muri ico giteramo kuko n’amasazerano bahejeje kuyagira. Beni Nkomerwa asigaje kuvugana n’abaririmvyi Fizzo, Black, Lolilo n’abandi kugira igiteramo gikwize ivyo yipfuza.

Ico giteramo gitegekanijwe kuzobera mu kibanza c’ishuri "EFI Nyakabiga" isigaye yitwa "Lycee Scheppers".

Umviriza ururirimbo "I’m addicted" rwa Dety Darba


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.