IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Famba > Inkuru > Intumbero Happy famba afise mu muziki abonako agenda ayishikako

Intumbero Happy famba afise mu muziki abonako agenda ayishikako

jeudi 28 Ntwarante 2013

Umuririmvyi w’umurundi witwa Hassan Ibrahim akaba azwi kw’izina rya Happy Famba ubu avuga ko abona intumbero yiwe yihaye mu bijanye n’umuziki ,agenda azishikako uko iminsi igenda niko arushirizako gutera intambwe muri ico gisata.

Happy Famba avuga ko akiri muto yakunda umuziki cane kuburyo vyatumye agira intumbero yo kuzoba umuririmvyi ,akamenyekana nawe akazoheza agafasha abandi bataratera imbere mu muziki.

Aramaze kugira indirimbo ziwe zigera kuri mirongo ine, muri izo harimwo icumi zimaze gushirwa ahabona n’amasanamu yazo. Izindi yaziririmbanye n’abandi bacuraranzi nka Mr Blue na Chalobako bose bo muri Tanzaniya mbere n’abandi batandukanye.

Atwiganirira kandi ko ivyo akora vyose, intumbero nyamukuru yiwe ariyo kumenyekanisha umuziki w’i Burundi mu makungu avugako abona abandanya abishikako kuko aho agiye hose afatwa nk’umwe mu baririmvyi b’abahinga, mukuryohera abo ariko araririmbira mbere abakunzi biwe bamuhinduriye izina bakaba ubu bamutaziriye “ Mkari wa Show”.

Happy Famba akunda gusabwa n’abaririmvyi bahano I Burundi gufatikanya nabo mu biteramo,aho twovuga nka Kidumu, Big Fizzo , Lolilo n’abandi benshi ko bamuziko azi gutegura ibiteramo no gushusha abantu iyo aririmba.

Ubu ariko ategura Album yiwe izoba yitwa “Made in Burundi”, arangiza yifuriza abantu bose bumva indirimbo ziwe n’abakunda umuziki w’u Burundi ko bomushigikira muri ivyo vyiyumviro vyiwe hama umuziki w’u Burundi ukarushiriza gutera imbere.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.