IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > Interview > Rally Jo:"Bimwe mu bibuza gukora amasanamu menshi harimwo ingorane (...)

Rally Jo:"Bimwe mu bibuza gukora amasanamu menshi harimwo ingorane z’abakobwa"

samedi 25 Gitugutu 2014

Iyo umwaka ugiye kurangira Rally Jo arashikiriza icegeranyo c’ibikorwa vyiwe vy’umwaka. Muri rusangi abona ko vyagenze neza naho hatabuze utunenge. Amanota yoyahabwa n’abakunzi biwe hamwe n’abakunda akazi kiwe k’umuziki.

Rally Jo ati:” Uyu mwaka novuga ko ari uwa mbere mwiza kuko nararonse akanya keza ko kuzunguruka mu ntara zitari nke z’Uburundi aho nashoboye kubona urugero umuziki wanje ugezwe ko mu gukundwa. Mu ntara zose naciyemwo narabonye ko izina ryanje rizwi nk’umuririmvyi w’Umurundi”.

Rally avuga ko atashoboye gusohora amasanamu menshi kuko yamaze umwanya munini mu baserukira ihiganwa rya Primusic 2014, ihiganwa yatsindiye mu mwaka w’i 2012. Ikindi camubereye igifashi kandi kibangamira n’abandi baririmvyi n’igihe isanamu y’ururirimbo isabwa kujamwo umukobwa, bivanye n’ururirimbo, ico gihe rero birabagora kuronka abakobwa kandi babariha amahera. Ivyo abona ko bitumwa n’umuco ndundi. Ku bw’ivyo uwo muririmvyi amaze gukora isanamu y’ururirimbo “Mbariza” ariko imbere y’uko umwaka uhera, avuga ko hazosohoka n’iyindi. Indirimbo zirenga zitatu nazo ziri mu minwe y’abahinyanyuzi kandi zimwe muri zo zarasohoka vuba.

Rally Jo:” nta manota mbona nokwiha kuko nohava nsanga nihaye yose canke nkiyima, aho nsaba abakunzi banje ko ari bo bafise ijambo kandi ni nabo babona cane aho nashaye canke aho nateye imbere. Boheza bakambwira aho nokwikebura”.

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo “Mbariza” rwa Rally Jo


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.