IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > Photos > Kidum ariko aterera agacumu ku bumwe i Maine : amafoto

Kidum ariko aterera agacumu ku bumwe i Maine : amafoto

mercredi 28 Nzero 2015

Inyuma yaho intara zimwe zimwe zo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitewe n’urubura rwinshi, Kidum aboneka afise ikintu kimeze nk’igipawa ariko agerageza gukura iyo misozi y’urubura.

Kuri uwo wa kabiri uheze igenekerezo rya 28 Nzero intara z’uburengero bushira ubuseruko bwa Reta Zunze za Amerika, harimwo na Maine iyo Kidum asanzwe ari, harateye igihuhusi cuzuye urubura gushika aho amabarabara, ibiraro eka inzira zose zirengerwa. Kidum yariko agerageza gufashanya n’abandi gukura urwo rubura. Yanditse avuga ati:" Ni ubwa mbere mfata igipawa nkura urubura rungana gutya, harakanye cane!"

Mwomenya ko Kidum ariko agirisha urukurikirane rw’ibiteramo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aho bukera kw’igenekerezo rya 31 Nzero azoremesha igiteramo i Arizona.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Wagizeneza gufasba abobagenzibacu b’America nabo basanzwe badufasha ibitaribike. Kidumu ndagukunda bimwebivuye kumutima.

  • Nareke kutubesha vyahuriranye ariyo ari. Wibaza yavuye iyo yari arico kimutwaye? Yagiye gutembera maze bigwa ariyo ari. None iyo atabikura, nyene yari guca hehe? Navugishe ukuri ko yariko aragerageza kurengana. Mugabo yaravye avugishije ukuri no one cares. Ariko hamwe abeshe ko yariko arafasha, vyoyumvikana neza. Toka kule. Genda ufashe iwanyu nimba wumva ko umutima wo gufasha ukubujije amahoro.

  • Des informations dignes de foi disent que lors de son séjour au Canada pendant l’été 2013, Kidumu se serait conduit de manière honteuse. Kidumu aurait malicieusement attiré et couché avec plusieurs mineures burundaises âgées d’àpeine 16 - 17 ans. Les gens de Lassale et Lachine sont au courant. La police a un dossier même si elle ne dit rien pour le moment. Kidumu sera tôt ou tard rattrapé par son comportement sexuel pervers. Ivyo muri Canada ntabifyineko: tôt ou tard azomaramara. En attendant, les gens du Maine, surveillez vos enfants adolescentes: et ne laissez jamais Kidumu les manipuler

  • Mwebwe mwandika aya ma articles murahatarisha ibintu. Uwosoma uwo mutwe wiki gisomwa womengo hari igikorwa yakoze hanyuma aragishimirwa nabo yagikoreye. Nkukuvuga ngo : "Kidum ariko aterera agacumu ku bumwe i Maine : amafoto ". Mwoba muzi ico gihuhusi uko coba carangana? Ndabamenyesheje ko nawenyene (Kidum) aho aca yarindiriye ama machines akaza kuhakora. Aho abahazi, abahaba canke abari bahari ico gihe barazi uko vyari bimeze. Eka nyene n’amafoto, yasohotse hanze arifotoza aca yiruka munzu. Natwe tuhabaye imyaka iyo hamezuko ntituja gukura neige, urarindira ikagabanuka, yifotoje umwanya utariwo hahahaha. Kidum ndakunda ukuntu aririmba, yaraduteramishije neza muntango zuyu mwaka aha muri Portland Maine naho yaje atevye, ibintu amatwi ansumira biri mumico n’imigenzi yabaririmvyi babarundi kiretse Lion Story. Amatwi ansumira azosubira kuduteramisha kuri Saint Valentin aha nyene Portland Maine mugabo twagire tumusabe dushimitse ko yoza kare kuko ngaha muri Amerika sicokimwe no muri Africa, umwanya umuntu aba afise ni muto cane. Eka noneho twagire tunamugabishe ko asubiye kuza satanu yavuze kwaza samoya, tuzumvikana dutumeko Police, abarihishije badusubize utwacu hanyuma dutahe. Kuko birakenewe canye kandi birahambaye ko abaririmvyi babarundi biga gusonera aba fans babo, ntituba twaje kubumviriza kukubura ico dukora. Ikibwirwa ni icumva nayo icerekwa n’ikibona. Kidum ndakwifurije ama success nkayo wagize last time. Stay blessed.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.