IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum yitwariye Frankie Joe inyuma y’uguterana amajambo mabi : (...)

Kidum yitwariye Frankie Joe inyuma y’uguterana amajambo mabi : photos%Videos

lundi 30 Ntwarante 2015

Abaririmvyi Kidum na Frankie Joe bari mu ntambara y’amajambo bishurana nabi, batumana intoki, bashwana eka no kwitura ubutungane. Ivyo vyose vyatumwe n’amahera yo mu giteramo Kidum atahembwe inyuma y’igiteramo.

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru InyaRwanda.com avugako ikibazo ca Kidum na Frankie catanguye kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante. Kuri iryo genekerezo, Kidum yari umutumire mu giteramo ca BBA HOUSEMATES categuwe na Envy Promotions Ltd Franckie Joe asanzwemwo. Kidum yaritavye ico giteramo amaze guhabwa ibice 50% vy’amahera 4000(4,000$) vy’amadorari yategerezwa guhembwa inyuma y’igiteramo. Kidum yarafise ikindi giteramo cari categuwe n’uwumufata mu mugongo mu Rwanda azwi kw’izina rya Ahmed. Ico naco cari kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante kuri Kaizen Club mu Rwanda nyene.

Nk’uko biboneka ku rupapuro ry’amasezerano Kidum yagiranye na Envy Promotions Ltd, yari yafashwe iminsi kw’igenekerezo rya 27 na 28 kuri Kaizen Club na bukeye kuri Serena Hotel. Frankie Joe yabwiye ikinyamakuru InyaRwanda.com, ko yaciye asivya igiteramo co kuri Kaizen Club hanyuma ico kuri Serena acungururiza kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante, kandi aremera ko yamenyesheje Kidum ko hari igihindutse mu masezerano.

Kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante, muri Serena Hotel, Kidum yararirimvye ari kumwe n’abandi baririmvyi bo muri Big Brothers, naho avuga ko yafashwe nabi mu kwigizwa inyuma ariko hakitabwaho cane abandi baririmvyi. Kidum ahejeje akazi ka Frankie Joe, ubwo nyene yaciye aja muri ca giteramo categurwa n’uwumufata mu mugongo Ahmed, abandanirizayo.

Ivyo rero ntivyaryoheye Frankie Joe avuga ko Kidum atari kuva mu giteramo ciwe kandi mu masezerano Frankie yari yamufashe ibinsi ibiri(27 na 28). Ikindi cababaje Frank kigatuma ashira amakosa menshi kuri Ahmed, ni uko Ahmed yateguye igiteramo iruhande y’ico ca Frankie Joe kandi akagishira ku mahera 5000 vy’amarwanda kwinjira, ica Frankie naco cari ku mahera ibihumbi 10.000 vy’amarwanda kwinjira. Frankie rero abonako Ahmed yatumye igiteramo ciwe gihomba bivuye kuri ivyo biciro hamwe no gutumira Kidum vyatumye abantu baca bahurumbira.

Ivyo bimaze kumera uko, Kidum yaritwaye Frankie Jo ku kirindiro c’Abapolisi kiri ahitwa Nyarugenge kubera yanse kumuha igice c’amahera cari gisigaye. Avugako atacobuza ko ahembwa kandi yarakoze. Ico gipolisi nticashooye kubatatura.

Ayo makuru nyene avuga ko Frankie Joe yoba ashaka kumuha amahera yasigaye ariko abandi bari kumwe mu gutegura igiteramo bakanana. Kidum nawe ishavu riniga avuga ko agiye kwitura ubutungane bwo hejuru kugira bumukomoreze amahera yasigaye.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.